Igisirikare ca Myanmar cagirije Suu Kyi kwakira $600.000 n'inzahabu

Aung San Suu Kyi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Aung San Suu Kyi yapfunzwe mu kwezi kwa kabiri igihe igisirikare cafata ubutegetsi muri Myanmar
Yatangajwe

Abategetsi ba gisirikare muri Myanmar bagirije uwo batembagaje Aung San Suu Kyi kuba yarakiriye mu buryo bunyruranye n'amategeko ibihumbi 600 vy'ama dorari hamwe n'inzahabu.

Nivyo bintu bikomeye cane yagirijwe n'abasirikare kuva batembagaje uwo mugore n'uburungozi bwa demokrasi itariki ya mbere ukwezi kwa kabiri.

Brigadier general Zaw Min Tun yanagirije ibiturire prezida Win Myint na benshi mu bashikiranganji.

Umugambwe wa Madame Suu Kyi, National League for Democracy, batsinze ku bwinshi amatora yabaye mu mwaka uheze, ariko igisirikare kivuga ko amatora yabayemwo ubusuma.

Abigenga mpuzamakungu bakurikiranye ayo amatora ntibemera ibivugwa n'ico gusirikare, bavuga ko ata mahinyu babonye muri ayo matora.

Madame Suu Kyi haheze indwi zitany apfungiwe mu kibanza kitamenyeshwa akaba yagirizwa ivyaha vyinshi birimwo gutera ''ubwoba no gutera umutima uhagaze", gutunga ama radio mu buryo buteye kubiri n'amategeko, no kurenga ingingo zijanye na Covid.

Ico kirego co kwakira amafaranga aciye mu nzira zitemewe n'amategeko cashikirijwe ku wa kane nico gihambaye cane gushika ubu. Agaciro k'izo nzahabu igisirikare kivuga ko yahawe mu buryo bunyuranye n'amategeko zifise agaciro koba gashika mu bihumbi 600 vy'ama dolari.

Myanmar cyugarijwe n'imyiyerekano mu mabarabara kuva igisirikare gifashe ubutegetsi kikanapfunga Suu Kyi. Ivyo bikaba vyatumye amenyekana gusumba.

Abandi bantu nibura indwi bishwe n'inzego zijejwe umutekano kuri uyu wa kane , abamaze kwicwa bakaba baciye bashika ku 60. Ababibonye bavuga ko hari abari mu myiyerekano barashwe mu mutwe.

ONU, Amerika n'ibindi bihugu vyinshi bariyamirije ubwo bwicanyi bw'abanyagihugu basanzwe muri uko guhasha abitaba imyiyerekano yo kwiyamiriza itembagazwa ry'ubutegetsi, basaba abategetsi kwigumya.

Igisirikare nticemera ivyo kinegurwa, ahubwo cegeka kuri madame Suu Kyi intureka iriko iraba.