Burundi Amatora ya 2020: CENI yashikirije icegeranyo ca nyuma c'amatora ya 2020

Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha batambuka gutora igenekerezo rya 20/05/2020 mu Giheta, Gitega, Burundi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha baja gutora ku wa 20/05/2020 kw'ishuri ry'intango rya Giheta i Gitega
Yatangajwe

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora mu Burundi CENI yashikirije icegenyo ca nyuma c'amatora yo mu 2020 avuga ko "yagenze neza cane", n'ubwo uwaje ubugira kabiri mu majwi muri ayo matora n'ubu akivuga ko bamwivye intsinzi.

Pierre-Claver Kazihise yashikirije ico cegeranyo imbere y'umukuru w'igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka n'izindi nzego zose z'igihugu zayavuyemwo canke zashinzwe inyuma y'ayo matora yatsinzwe n'umugambwe wari usanzwe ku butegetsi kuva um 2005, CNDD-FDD.

Umukuru wa CENI yagize ati: "Amatora yagenze neza cane…akuzuye ntikamurikwa."

Umukuru w'umugambwe waje ubugira kabiri mu majwi muri ayo matora, CNL, gushika ubu yemeza ko bibwe intsinzi, ariko ivyemezo washikirije sentare ntiyabihaye agaciro.

Mw'ijambo ry'umunsi wo guhimbaza imyaka ibiri umugambwe CNL umaze ushinzwe itariki 14 ukwezi kwa kabiri, Agathon Rwasa ukuriye CNL yavuze ati: "Abarundi baraduhunze amajwi,….n'Imana irabizi, …mugabo CENI ica idushira mu kibanza ca kabiri."

Mu matora y'umukuru w'igihugu, uwaserukiye CNDD-FDD, Evaritse Ndayishimiye yaronse amajwi 68 kw'ijana, Agathon Rwasa aronka 24 kw'ijana. No mu bashingamateka barushanya hafi uko nyene.

Pierre Pierre Claver Kazihise yavuze ko muri rusangi ayo matora yatwaye miriyaridi 68 z'amafaranga y'amarundi, ko reta yari yabaye miriyaridi 97 none hasigaye 29.

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora yashimye ko batigeze babura uburyo kuko reta yakoresheje ubwayo mbere anayisaba kutazosubira "kuzera inze", kuko ''ak'imuhana kaza imvura ihise.''

Bitandukanye n'amatora ya 2005 na 2010, amafaranga yo gutegura no gutunganya amatora ya 2020 yose yavuze imbere mu gihugu.

Abanyagihugu basabwe guterera ariko igitgiri c'amafaranga yose batanze nticigeze kimenyeshwa.

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora yatangaje ko "kuva ejo hazoba hatanguye igihe c'imbere y'amatora yo mu 2025 na 2027."

Ibiringo vy'inama nshingamateka, nkenguzamateka na mpanuzwajambo z'ama komine n'imitumba bizorangira mu 2025, ic'umukuru w'igihugu naco mu 2027.