Umukuru w'abatembagaje ubutegetsi i Myanmar yasiguye igikorwa cabo, abaciyamiriza nabo barakomeza

Imitonzi y'amazi abapolisi batera abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza abatembagaje ubutegetsi no gusaba irekurwa ry'indongozi yatiwe Aung San Suu Kyi mu gisagara ca Naypyitaw, Myanmar, February 8, 2021.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cakoresheje imitonzi y'amazi mu gushwiragiza abantu ku wa mbere kandi haravugwa abakomeretse
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Umukuru w'abatembagaje ubutegetsi muri Myanmar yashikirije ijambo ryiwe rya mbere kuri televiziyo kugira asigure igituma bafashe ubutegetsi mu gihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ico gikorwa ikomeje.

Min Aung Hlaing yavuze ko amatora yo mu kwezi kwa 11 yatsinzwe ku majwi menshi n'umugambwe wa Madame Augn San Suu Kyi apfunzwe,yagenze nabi.

Igisirikare catanguye kugira ivyo kibuza mu turere tumwe tumwe harimwo umukwabu wo kudatembera n'ugushinga igitigiri ntarengwa c'abashobora gukoranira hamwe.

Abantu isinzi bakoranye ku wa mbere ku munsi ugira gatatu w'imyiyerekano, bihurirana na yegereyegere mu gihugu cose, vyo kwanka iryo tembagazwa.

Ijambo ry'uwo mujenerari ryanashavuje abatavuga rumwe n'ubwo butegetsi bushasha, imbuga hwaniro zerekanye amasanamu y'abavuza amasafuriya mu kuryiyamiriza imbere y'ama televiziyo zabo.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Ni bande bari mu mabarabara?

Ku wa mbere mu gitondo, abantu ibihumbi n'ibihumbi bateraniye ku murwa mukuru Nay Pyi Taw kugira bitabe iyo yegereyegere. No mu bindi bisagara nka Mandalay na Yangon abantu bitavye ari benshi , nk'uko bivugwa n'igisata ca Birmania muri BBC.

Abitavye imyiyerekano barimwo abigisha, abashingwamanza,abakozi bo mu mabanki n'abakozi ba reta.

Umwe mu bari mu myiyerekano-ariko atashatse ko umwidondoro wiwe umumenyekana-yabwiye BBC ati: "Uyu munsi , twebwe, abarangura ubuzi-cane cane abakora ubuzi bwa reta nk'abaganga, abafundi bo mu rwego rwo hejuru n'abigisha-twagiye ahabona kugira twerekane ko turi kumwe muri ibi.Ico turondera ni kimwe-gutembagza intwaro y'umukazo."

Ku ndwi iheze igisirikare ca Myanmar cafashe ubutegetsi inyuma y'amatora yatsinzwe n'umugambwe NLD ku majwi menshi cane.

Caciye kandi gishinga amategeko y'ibihe bidasanzwe y'ikiringo c'umwaka muri Myanmar, igihugu kizwi kandi nka Birmania, ubutegetsi buca bushikirizwa kizigenza mu gisirikare Min Aung Hlaing.

Madame Suu Kyi na bamwe mu zindi ndongozi zikomeye mu muganbwe wiwe wa National League for Democracy (NLD), harimwo na prezida Win Myint bafungiwe icamaso mu ngo zabo.

Igisirikare cari cashigikiye abatavuga rumwe na reta basaba ko amatora yosubirwamwo bavuga ko yabayemwo ubusuma. Ariko umugwi ujejwe amatora wavuze ko ata vyemezo vyatanzwe vyo kwerekana ubwo busuma.

Jenerari yavuze iki?

Ijambo rya Jenerari Min Aung Hlaing ryari rishimikiye ku mvo zatumye igisirikare gifata ubutegetsi gusumba gutera ubwoba abari mu myiyerekano.

Yavuze ko umugwi ujejwe amatora wanse gukora amatohoza ku tunenge twari mu ntonde z'amatora yo mu kwezi kwa 11 kandi ntiwatuma haba ukwiyamamaza kutarenganya.

Uwo mugwi wavuze ko ata vyenmezo bihari vyo kwerekana ko habaye ubusuma.

Jenerari Min Aung Hlaing yemeye ayandi matora no gushikiriza ubutegetsi uwuzoyatsinda.

Umugwi ''unaguwe" w'amatora niwo uzoyatunganya.

Uwuri mu myirekano n'ifoto y'umukuru w'ingabo yacishijemwo imirongo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Hari ibice vyatanguye gufatirwa ingingo zibuze bimwe bimwe

Yanavuze kandi 'gushika kuri "demokrasi y'ukuri kandi iri ku murongo",amajambo yaneguwe cane ku mbuga hwaniro na bamwe batavuga rumwe n'ubwo butegetsi.

Yanasavye abanyagihugu kugendera ''ku bintu vy'ukuri, ntimukurikire amarangamutima yanyu".

Uwo mujenerari nta terabwoba yagize ku bari mu myiyerekano, gusa yavuze ko ata n'umwe ari hejuru y'amategeko. Igisirikare muri kahise carahutaje abantu, harimwo mu 1988 na 2007.

Ariko uturere tumwe tumwe twafatiwe ingingo, nko mu gisagara kiza ubugiura kabiri mu bunini Mandalay n'ahandi aho bibujijwe gutembera kuva isaha zibiri z'ijoro gushika isaha cumi z'ubuca.

L