Coronavirus: Afrika y'Epfo yavanyeho ingingo ibuza inzoga mu kworosha ingingo za Covid

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Rmaphosa yatezuye ingingo zari zarafashwe mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira rya Covid-19, harimwo no kuvanaho ingingo ibuza kugurisha inzoga abantu baterekwa na gato.
Ibibanza vyo gufatiramwo akayaga ku nkengera z'ibahari (plages) bizokwugurura, no guhurira mu masengesho biremewe ariko ku bitigiri bifise urugero bitarenza.
Ivyo vyamenyeshejwe ubwo prezida Ramaphosa yanatangaza ugushika kw'inkingo za mbere-umuriyoni w'incanco za Astra-Zeneca-nk'amahirwe yo guhagarika ikiza ca Covid-19 cari kibarembeje.
Afrika y'Epfo nico gihugu gifise abanduye n'abamaze kwicwa na Covid-19 benshi kurusha ibindi muri Afrika. Abarenga umuriyoni 1.4 baramaze kwandura uwo mugera kuva wadutse, abashika 44.164 nabo baramaze gupfa hakurikijwe ibiharuro vy'ubushakashatsi bwa kamimunuza ya Hopkins
Ibihugu vyinhsi vyarabujije ingendo z'abavuye muri Afrika y'Epfo kugira bihagarika ikwirakwira ry'ubwoko bushasha bw'umugera wa Covid-19 bwandukira cane 501Y.V2, vyibazwa ko bwatanguriye muri ico gihugu kandi bukekwa ko bwoba bufise inguvu ku nkingo zimaze kuboneka.
Ingingo zorohejwe gute?
Igihugu kizoguma mu citwa urugero rwa gatatu rwa ''guma mu rugo'', ariko hari ingingo zahahora zizovanwaho.
Ubu abagurisha inzoga basubiye kwemerwa gucuruza hagati y'isaha zine zo mu gitondo gushika isaha 12 z'umugoroba kuva ku wa mbere gushika ku wa kane , ibirabo bifise impusha navyo bishobora kwugurura kuva isaha zine zo mu gitondo gushika isaha zine z'ijoro aho bitegerezwa guca vyugara.
Amasaha y'umukwabu (couvre-feu) ubu ni kuva isaha zitanu z'ijoro gushika isaha 10 zo mu gutondo.
AbanyaAfrika y'Epfo bamaze gufatirwa ingingo yo kubuza inzoga incuro zitatu kuva ico kiza giteye mu kwezi kwa gatatu, ubwa nyuma ingingo yafashwe hakaba hari kuva itariki 28 ukwezi kwa 12.

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta ivuga ko vyari bikenewe kugira hagabanuke abantu birukira kwa muganga.
Izo ngingo ntizaguye neza abanyagihugu benshi n'igisata c'inzoga zikaze (liqueurs) kivuga ko ubuzi buharurwa muri za miriyoni bwari bugiye gutakara.
Atangaza izo ngingo nshasha, Prezida Cyril Ramaphoza yavuze ati : ''Ndasavye umwe umwe wese muri twebwe anywe yigerera kugira ntituduze ibitigiri vy'amasanganya canke vy'abandura kubera ukwigenza nabi.''
Muri uko kworosha ingingo, ubu abantu 50 barashobora gusengera hamwe ahantu hugaye, n'ijana hanze.
Plage, inzuzi, ibibanza vyo gusamiramwo akayaga (parcs) n'ivyo kwoga (piscine) navyo bizokwugururwa.
Kubera iki ubu?
Prezida Ramaphosa yavuze ko urugero rwo hejuru rw'umuvuduko wa kabiri w'ikwirakwira rwarenganywe, "kandi ko muri rusangi ugurero rwo kwandura rwagumye rumanuka muri izi ndwi zitatu ziheze".

Ahavuye isanamu, Reuters
Yavuze ati: ''Ibi bihindutse vyashobotse kubera ukugabanuka biboneka kw'ibitigiri vy'abinjira ibitaro kubera Covid-19 mu ntara zose z'igihugu, bikaba vyagabanije isugerezwa ku baganga n'ibitaro."
Imbere y'aho yari yagiye ku kibuga ca OR Thambo I Johannesburg kwakira incanco za Oxford-AstraZeneca zakozwe n'ikigo co mu Buhindi Serum Institute.
Yavuze ati : ''Umuzo w'izi nkingo utanze icizere ko dushobora guhwamika iyi ndwara yateye amakuba menshi muri iki gihugtu cacu no kw'isi''
Uwo muriyoni w'incanco uzohabwa abakora kwa muganga n'ubwo ata tariki iramenyeshwa y'umunsi isekeza rizotangurira, kandi izo zikaba zidakwiye abo bakozi bangana na miriyoni 1.25 mu gihugu cose.
Igihugu kivuga ko casavye kuronswa incanco zingana na miroyoni 50 kikaba cihaye ihangiro zo gukingira uyu mwaka abantu bangana na miroyoni 40, 2/3 mu baba muri ico gihugu.
Prezida Ramaphoza yavuze ko ata kitazokorwa kugira ''dushike ku budahangarwa''










