Coronavirus: "Muri Afrika turakeneye urucanco rwo gukingira abageze mu zabukuru''

Ahavuye isanamu, Friendship Bench
Mu gihe bimaze kuvugwa bikanasubirwawo ko hashobora kuba ''agahomeramunwa'' k'uko habura incanco zo gukinga coronavirus ku bihugu vy'amikoro make, umuganga w'indwara zo mu mutwe muri Zimbabwe, Dr Dixon Chuibanda, aravuga ingene kuronka urwo rukingo vyomufasha, we n'abanyokuru bakorana.
Haheze amayinga atanu nanduye Covid-19, n'ubwo atako ntakora kugira ndayirinde: kwambara agafukamunwa,gukaraba no kutegera cane abandi.
Sinahengeshanya kuguma nibaza ingene ataco nshoboye bifatanye n'ukudashobora guhema ndiko ndaraba ingene urugero rwa oxygene mu mubiri wanje ruguma ruhindagurika, n'ubwo nanje ndi muganga.
Nari nzi kandi ko amahirwe yo gushobora kuronka umwuka(oxygene) igihe nowukenera yasa nk'aho atayahari muri iki gihugu cacu kitagira uburyo.
Ndembejwe n'uburuhe bw'ikirenga, no gucishamwo umwuka ukamperana, ku munsi ugira gatatu naciye mbona ko nshobora gupfa.
N'ubwo uwariwe wese ashobora guhitanwa na Covid-19, urugero rwo gushora gupfa ni runini kuruta mu gihugu nka Zimbabwe aho igisata c'amagara y'abantu cifashe nabi cane.
Muri ico gihe nari ndwaye, abaganga batanu twakoranye imyaka myinshi, barishwe n'iyo ndwara. Baritaweho kwa muganga ariko ntivyababujije gupfa.
Impfu z'abantu nk'uko zirababaza cane. Ariko kandi ingaruka zo kubura abaganga batanu bafise uburambe mu kazi mu gihe c'indwi zine ku gihugu nka Zimbabwe n'agahombo kanini cane ku gihugu cose.
Imana zose kuri jewe, ku munsi ugira gatanu, urugero rwo kwinjiza umwuka rwaciye rutangura kuduga.
Ntawuzi igituma nahakuye agatwe kandi bagenzanje twasa n'abafise kahise k'amagara gasa bo barapfuye.
Haracari vyinshio vyo kwiga kuri uwo mugera

Ahavuye isanamu, Friendship Bench
Uko nagenda ndatora mitende,niko naja ndiyumvira abantu bakora mu kigo maze imyaka 10 ndongoye.
N'umugambi witaho abantu ku bibazo vy'inyifato(psychologique) urangurwa n'abanyokuru barenga 700 bavyigiye, mu turere turenga 100 muri Zimbabwe.
Mu gihugu kitarenza abanganga b'indwara zo mu mutwe 13 ku bantu bangana na miriyoni 16,uwo mugambi warafashije guteza imbere amagara yo mu mutwe.
Vyafashe imyaka kugira twubake umugambi wa Friensship Bench kugira twerekana ko hakoreshejwe ubuvuzi bw'ijambo, abanyokuru bavyize bashobora kuvura akabonge n'umwitwarariko urengeje no gutezura ivyiyumviro vyo kwiyahura muri Zimbabwe n'ahandi.
'Abanyoku bari mu bageramirwa cane'
Mu mwaka uheze abo banyokuru nibo bagiye imbere mu kurwanya iyongerekana ry'indwara zo mu mutwe zivuye ku kiza ca Covid-19.
Ariko uko uwo mugera wakwiragira vuba mu gihugu abo uhitana nabo bakaba benshi uko bukeye uko bwije, abo banyokuru n'abaganga ba bitumwako baciye baja mu bageramirwa ubwa mbere.
Umunsi umwe nahamagaye umunyokuru Kusi Kwenyu amaze imyaka 10 akorera Friendship Bench
uugira mdamubaze ingene abanyokuru bamerewe i Mbare, aho Friendship Bench yatanguriye.
Kuva ndwaye nta n'umwe muri bo twari bwasubire kuvugana.

Ahavuye isanamu, Friendship Bench
''Mumerewe gute, wewe n'abandi banyonkuru bose, bose barakomeye? Ubu ntimuva imuhira?''
Haciye umwanya utari muto kugira anyishure.
''Twarabuze umwe mu banyokuru.''
'Ntidushobora gukuma ukwa twenyene'
Haraciyemwo akandi kanya imbere y'uko yishsura ikibazo canje ca kabiri ku ngingo zo kwikingira yari yafashe.
''Kuguma ukwa wenyene i Mbare? Ntibishoboka. Kandi ubu abantu baradukeneye cane kuruta na mbere.''
Namubwiye nti: Ariko murashobora kubaha ubufasha mukoresheje telefone muri mu ngo zanyu, nk'uko twari twabibabwiye na mbere''
Ntiyarindiriye ko mpeza kuvuga.
''Uwundi munsi umusore afise se yishwe na Covid yarandondeye kugira tuvugane. Yari yataye umutwe kandi yari akeneye ko tubonana amaso mu yandi.
''Sinari kumubwira ngo taha turaja kuvugana kuri telefone-nta na telefone afise. Naramuvugishije kuko nabona ko ari mu mugwi w'abarwayi baba bageramiwe cane. Naragerageje uko nshobora kugira ntitwegerane cane igihe twariko turavugana.''
Aca yongerako ati: ''Turi mu bihe bibi.''
Ivyo yavuga vyari vyo-kuruta na mbere abantu benshi bari bakeneye ubufasha bwa Friendship Bench,kandi ubwo bufasha bwashikira abantu neza mu biganiro vy'imbona nkubone.
Naciye ndamubaza n'agahinda:''Mwibaza ko hari icoshobora gukorwa kugira mukingirwe, wewe n'abandi banyokuru 700 bakorera Friendhip Bench?''
Aragorora ijwi aca avuga ati: ''Turakeneye urukingo.Urukingo rw'umwe umwe mu munyokuru.''
Amasaha yitereye uwo munsi, nasomye mu binyamakuru ko hafi miriyoni 40 z'incanco zatanzwe kw'isi, ariko Afrika ikagenerwa nke ncane. Kandi ko hafi miliyari 7.25 z'incanco zaguzwe zitaranakorwa n'ibihugu vya Bura
Bukeye nakwirikiye kuri zoom igisabisho co gusezera uwundi dukorana yari yahitanywe na Covid-19.
Umunsi uheze naciye nibaza nti mbega hazotegerezwa gupfa abakora kwa muganga n'abanyokuru bangahe imbere y'uko ngaha turonka urucanco.
N'abakozi bangahe nkabo bazokwemera kubabara kugirango bafashe abandi bababaye?
Mu nyuma nca ndonka ubundi butumwa kuri whatsapp ko uwundi muganga yapfuye ahitanywe n'ingaruka za Covid-19.
Turakeneye urucanco muri Afrika.










