US: Inzu z'abarongoye inama nshingamateka Pelosi na nkenguzamateka McConnell zasibanganijwe

Yatangajwe

Abagizi ba nabi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bateye umuhana w'umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi, n'uwurongoye ba nyarwinshi b'aba Repubulika mu nama nkenguzamateka Mitch McConnel.

Ibintu bisa n'amaraso hamwe n'umutwe w'ingurube nivyo bivugwa ko vyatawe imbere y'inzu y'umukuru w'inama nshingamateka i California, umu Democrat Nancy Pelosi, kandi basiga bayisibanganije.

Amajambo "where's my money" (ni ukuvuga "amafaranga yanje ari he") hamwe n'ayandi majambo yo gutukana nivyo vyanditswe ku nzu y'umu Repubulika McConnell iri i Kentucky.

Ibi bibaye mu gihe hari ukutumvikana gukomeye ku bijanye n'amafaranga yo kugoboka abanyagihugu bakozweko na ca kiza ca coronavirus.

Ku wa kabiri, inama nshingamateka yaremeje ko iyo mfashanyo iduzwa kuva ku madorari 600 gushika ku madorari 2000. Iyi nama nshingamateka yiganjemwo aba Democrats yaremeje iyi ngingo ifashwe mu mugongo n'aba Repubulika barenga 40.

Ariko, inama nkenguzamateka yiganjemwo aba Repubulika yaranse kwemeza aya mafaranga, n'aho Perezida Donald Trump abandanya abasaba ko bovyemeza.

Ku wa gatatu, McConnell yavuze ati: "Inama nkenguzamateka ntishobora kugwa mu mutego ngo yemeze ayandi mafaranga y'ideni aja mu mifuko y'incuti z'aba Democrats zitungiye zadakeneye iyi mfashanyo".

Mw'itangazo yasohoye nijoro ku wa gatandatu bahejeje kwonona inzu yiwe, Mr McConnell yashimiye abanya Kentucky bose bitabiriye ibikorwa vy'amatora "n'abo boba banyemera canke batanyemera".

Ati: "Ibi biratandukanye. Ubwononyi na politike y'ubwoba nta kibanza bifise mu gihugu cacu".

Igiporisi ca San Francisco kivuga ko kiriko kirakora amatohoza ku vyabaye ku nzu y'umupfasoni Pelosi, n'aho we nyene ataragira ico abivuzeko.