South Africa: Perezida Ramaphosa yatangaje ingingo ruhasha kubera Covid yasubiriye kugangura

Yatangajwe

Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo yatangaje izindi ngingo ruhasha nshasha za coronavirus, inyuma y'umusi umwe iki gihugu kirengeje umuriyoni w'abanduye Covid-19.

Amakoraniro, yaba ayo mu mazu canke hanze, arabujijwe, uruja n'uruza rurabujijwe kuva isaha zitatu z'ijoro gushika isaha cumi na zibiri z'agatondo, kandi n'urudandazwa rw'inzoga rurabujijwe.

Perezida Ramaphosa avuga ko igihugu kiri mu gihe kigoye cane rwose kubera iki kiza karanda, ko rero ari ngombwa gufata ingingo.

Hari haciye imisi abategetsi batangaje ubwoko bushasha bwa coronavirus kandi ikwiragira ku rugero runini cane.

Ibitaro n'ibigo vy'ubuvuzi bimwe bimwe bitangaza ko ibitigiri vy'abinjizwa ibitaro biduga cane, ibituma uburyo bwavyo bugenda bugabanuka.

Mw'ijambo ryiwe yashikirije nijoro ku mboneshakure, Perezida Ramaphosa yavuze ko uwu mugera mushasha 501.V2 wamaze gushinga imizi muri Afrika y'Epfo, kandi ko bategerezwa "kumera magabo" kubera iyongerekana ry'abandura.

Ati: "Twarijajajye ku mutekano wacu turasamara".

Yongera ko y'uko izi ngingo zategarezwa kuja mu ngiro kuva isaha zitandatu z'ijoro nijoro nyene ku wa mbere gushika n'imiburiburi ku wa 15 z'ukwa mbere.

Avuga ko amakoraniro y'abantu benshi, kiretse amaziko n'ayandi amwe amwe azogirirwa amahirwe, ategerezwa guhagarara, kandi ko ata muntu n'umwe yemerewe kuva muhira hagati y'isaha zitatu z'ijoro n'isaha cumi na zibiri z'igitondo ata ruhusha afise.

Avuga kandi ko amaduka yose, ububare hamwe n'ibindi bibanza, bitegerezwa kwugarwa kuva isaha zibiri z'ijoro.

Yongera ko y'uko urudandaza rwose rw'izoga rubujijwe, kandi ko uwuzofatwa atambaye agapfukamunwa mu bibanza bihuriramwo abantu benshi ashobora gucibwa iharabu canke agapfungwa.

Ku wa Mungu, Afrika y'Epfo yabaye igihugu ca mbere muri Afrika kirengeje umuriyoni w'abanduye Covid-19, ikaba yaharurwamwo abanduye 1,004,413, hamwe na 26,735 bapfuye.

Ubu bwoko bwa coronavirus bushasha, buzwi nka 501.V2, buzwi ko ari bwo buriko buratuma ibitigiri vy'abandura biduga ku rugero ruteye ubwoba.

Yagiye gutorwa n'umurwi w'abahinga bo muri Afrika y'Epfo mu ntara ya Eastern Cape, ikaba yaciye ikwiragira ku muvuduko munini mu bindi bice vy'igihugu.