China: Uwakoze urukino rwa video 'Game of Thrones' yishwe ahawe ishano

Yatangajwe

Igipolisi ca Shanghai kivuga ko umugwizatunga w'umushinwa yapfuye kuri Noheli yahawe ishano.

Lin Qi w'imyaka 39 yari arongoye akaba n'umunyamabanga mukuru wa kompanyi ikora inkino zo kuri video Yoozoo izwi cane ku rukino rwa Game of Thrones: Winter is Coming.

Itangazo ry'igipolisi ca Shanghai ritunga agatoke uwo bakorana na Lin - azwi kw'izina rimwe gusa rya Xu- ko ari we yikekwa.

Lin yoba yarafise ubutunzi bwa miriyaridi 6.8 z'ama Yuan (imiliyoni 980 z'ama pawundi) nk'uko bivugwa n'ikigo ca Hurun China Rich List.

Kuri uyu wa gatanu, abakozi benshi hamwe n'abahoze bakora muri kompanyi Yoozoo bakoraniye hanze y'ibiro vyayo mu kumugandarira.

Lin Qi yari nde?

Uwo mugwizatunga yari rurangiranwa kw'isoko ry'ubushinwa rigurisha inkino za video akaba yari yanatanguye urudandazwa rwo gusohora filime.

Yashinze Yoozoo mu 2009, arongora neza iyo kompanyi mu gihe hariko haraba impinduka nyinshi ziganisha ku nkino zo kuri telephone ngendanwa.

N'iyo kompanyi yasohoye itangazo ribabaje ku rubuga rwayo rwa Weibo Microblog.

Rivuga riti:"Turikebanuye ugiye ukiri muto. Tuzokwama turi kumwe. Tuzogumana ubwitonzi, tubandanye kwemera ubugwaneza kandi tuzokwamirira kure ikintu cose kibi."

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bagize ico bavuze kuri urwo rwandiko, rwarabwe n'abantu incuro zirenga imiliyoni 290 kuri Weibo.