737 Max: indege ya Air Canada yatuye vyihuta kubera ingorane z'imoteri

Yatangajwe

Indege Boeing 737 Max yegukira ikompanyi Air Canada vyabaye ngombwa ko igwa aho itategerezwa kugwa inyuma y'aho igiriye ibibazo vy'imoteri, nk'uko iyi kompanyi ibimenyesha.

Iyi ndege yari ivuye mu ntara ya Arizona yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ija i Montreal muri Canada, ikaba yategetswe kugwa haciye akanya igurutse, nk'uko Air Canada ibimenyesha.

Yarimwo abakozi bayo batatu gusa kandi ikaba yashoboye kugwa ata ngorane.

Indege 737 Max zose zarahagaritswe kw'isi yose mu 2019 inyuma y'amasanganya ruhonyabantu, ariko zikaba muri kuno kwezi nyene zari ziherutse kwemererwa gusubira kuguruka inyuma y'ibikorwa vyo kuzisanura.

Amasanganya abiri, rimwe ryo muri Indonesia n'irindi ryo muri Ethiopia, yabaye mu kiringo c'amezi atanu ahitana ubuzima bw'abantu 346.

Aya masanganya avugwa ko yavuye ku ngorane z'ubuhinga.

Ibi bibazo vy'iyi ndege vyasubiriye kwibonekeza hirya y'ejo ku wa gatanu.

Mw'itangazo yasohoye, Air Canada ivuga ko abadereva "baronse ubutumwa bwerekana ko hari imoteri ifise ingorane hanyuma, nk'uko amategegeko ngenderwako abivuga, baciye bafata ingingo yo kuzimya imoteri imwe" imbere y'uko basubira i Tucson muri Arizona.

Iyi ndege itari itwaye ingenzi yari igurutse ivuye mu bubiko, aho isanzwe iri muri Tucson.

Inyuma y'aya masanganya abiri, Boeing yaciye ihindura ibitari bike harimwo na logiciel igenzura ingendo zayo, inasubiramwo amategeko ngenderwako y'abakozi bayo hamwe n'intsinga zayo.

Hari haciye ikiringo kidashika indwi zitatu isubiriye gutangura kuguruka muri Brezili.