Ubwo abagore bibungenze barashobora guhabwa urucanco rwa Covid-19? Biravana

Yatangajwe

Mu gihe urucanco rwa coronavirus rwari rurindiranywe igishika rwatanguye, biramaze kugaragara neza ko atari bose bazoshobora kururonswa. Ku bagore bibungeze hamwe n'abonsa, bizovana n'aho basanzwe baba kugira ngo baruhabwe.

Mu bantu bakoreweko igerageza ry'urucanco rwa Pfizer-BioNTech, abagore bibungenze canke bonsa ntibarimwo, kandi iyi kompanyi ivuga ko amakuru aboneka kugeza ubu "adahagije" kugira ngo hamenyekane ingaruka zose uru rucanco rushobora kugira ku mugore yibungenze.

Mu Bwongereza, ibi vyatumye ababijejwe bakuramwo abagore bibungenze n'abonsa mu mugambi wo gucandaga. Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abo bagore bo nyene ubwabo nibo bifatira ingingo.

Ng'ibi ibituma ibi bihugu vyafashe inzira zitandukanye kuri iki kibazo, hamwe n'ico ibi bivuze ku bagore bibungenze.

None aya makuru avuga iki?

Gushika ubu, nta vyinshi.

Ruth Faden, umuhinga mu bijanye n'inyifato ndongoramutima mu bijanye n'ubuvuzi kuri kaminuza Johns Hopkins isanzwe ikurikiranira hagufi Covid-19, akaba ariko akurikirana ibijanye n'uburenganzira hamwe n'amagara y'abagore bibungenze, avuga ati: "Nta makuru dufise". Nta kintu na kimwe kivuga ko uru rucanco rufise kugira ingaruka mbi ku bagore bibungenze n'abonsa, nta makuru akwiye ahari".

Pfizer ivuga ko kubona itashimye kugeragereza uru rucanco ku bagore bibungenze n'abonsa yakurikije impanuro yahawe n'ikigo ca Amerika kijejwe imfungurwa n'imiti.

Abahinga bavuga ko ibi bishingiye ku mico.

Muganga Faden avuga ati: "Mu bihe bisanzwe ata biza karanda biriho, iyo uvuze ibijanye n'urucanco rushasha, abantu benshi biyemeje guharanira inyungu z'abagore bibungenze n'ibibondo vyabo bavuga ko abagore bibungenze batobigiramwo uruhara. Ntushobora kubaharurako cane".

Muganga Faden avuga ko mu nyifato ndongoramutima ijanye n'ibibazo vy'amagara y'abantu, abagore bibungenze bafatwa "nk'abantu badasanzwe".

Ati: "Muri rusangi, nta muntu n'umwe yita ku buzima bw'umwana nk'umugore yibungenze. Ikibazo ca mbere ukunze kubazwa ni 'ibi nta ngaruka mbi bizogira ku mwana wanje'?"

Ariko ingingo yo gushira ku ruhande abagore bibungenze muri iri geragezwa ry'izi ncanco ntiyoroshe na gato.

Muganga Emily Stinnett Miller, umuhinga mu bijanye n'ukwibarutsa kuri kaminuza ya Northwestern akaba n'umwe mu bagize umurwi ujejwe kurwanya Covid-19 mw'ishirahamwe rihurikiyemwo abakora mu gisata c'irondoka rijanye n'amagara meza, avuga ati:

"Turi mu bihe bigoye. Bategerezwa gufata ingingo zikomeye mu buryo bwihuta, kandi hari ivyiza n'ibibi mu kubashiramwo canke kutabashiramwo".

Ikibazo gikomeye - ni ukuvuga iri kena ry'amakuru ahagije - kiragaragara neza ubu. Ati: "Burya nta makuru ahagije dufise kugira ngo dushobore gufata ingingo dukeneye gufata".

Kubera iki Ubwongereza na Amerika vyafashe inzira zitandukanye?

Mu gihe ibi bihugu vyompi bihanzwe n'iyi ngorane yo kubura aya makuru ahagije ku bijanye n'abagore bibungenze n'abonsa, Ubwongereza na Amerika vyafashe inzira zitandukanye.

Muganga Faden ati: "Iyo udafise amakuru atomora neza ingene vyogenda kuri iki kibazo, intambwe ikurikira ni ukwibaza uti 'ni vyo, none dufate iki'?"

Ubwongereza bwafashe inzira yo kwinengesera.

Muganga Edward Morris, umukuru w'ishuri rikuru ryigisha ibijanye n'irondoka n'amagara y'abakenyezi (RCOG) yasohoye itangazo aho avuga ati:

"Kubera ata geragezwa ry'izi ncanco za Covid-19 ryakozwe mu buryo bwihariye ku bagore bibungenze, nta bimenyetso bifatika vyerekana ko inkingo za Covid-19 zokoreshwa ku bagore bibungenze canke bonsa".

Abahinga muri Amerika bobo bafashe iyindi nzira, aho bahaye uburenganzira abagore bibungenze n'abonsa gufata ingingo bo nyene.

Abajejwe amagara y'abantu muri Amerika n'Ubwongereza bavuga ko ibikorwa vy'igerageza vyoba vyabaye mu muvuduko udasanzwe, ariko y'uko ata ntambwe n'imwe yasimbwe, kandi ko ivyo ukwemeza urucanco kanaka biba mu gihe babonye ko ata ngorane rutera kandi ko rukora neza.

None abagore bibungenze bafata ingingo iyahe?

Muri ibi bihugu vyompi, abagore bibungenze n'abonsa bazotegerezwa kurindira gushika baronse ayandi makuru imbere y'uko bafata ingingo kuri izi ncanco.

Amakuru ya mbere y'ivyavuye mu bushakashatsi ku ngaruka z'ubumara bwa Pfizer zishobora kwibonekeza mu bijanye n'irondoka yitezwe gutangazwa imbere y'uko uyu mwaka urangira.

Ubu bushakashatsi bumaze kurangira, iyi kompanyi ishobora gukoresha n'abagore bibungenze mu bikorwa vy'ukugerageza urucanco rwayo.

Hariho kandi n'abagore basamye inda mu gihe bari mu bantu bariko barageragerezwako bazotegerezwa gukurikiranirwa hagufi mu gihe cose bazoba bibungenze.

Ubu ingene ibintu bimeze, hari abagore bamwe bamwe bibungenze n'abonsa bavuga ko bazokwirinda uru rucanco.

Akarorero ni nk'uyu mukenyezi w'imyaka 35, Joanna Sullivan, aba mu ntara ya Ohio, yiteze kwibaruka mu kwa gatandatu kw'umwaka uza. Avuga ko ata mugambi afise wo kwiteza uru rucanco mpaka abanze yibaruke.

Ni co kimwe n'uyu mugore Amy Collender w'imyaka 34 wo mu karere ka Gloucestershire mu Bwongereza, avuga ko ashobora kwiyumvira uru rucanco mu gihe yonsa, ariko ni kubera umwana wiwe w'umuhungu ariko arakwiza imyaka ibiri.

Avuga ati: "Iyaba yari akiri uruyoya, sinashobora", akavuga kandi ko iyaba yari acibungenze, yahitamwo kuruheba.

Aba bagore bompi bavuga ko bo ubwabo badashobora kwemera kuja mu bantu bogeragerezwako uru rucanco, mu gihe bakirindiriye amakuru ahagije.

Umupfasoni Sullivan ati: "Ni uko bimeze, ndatahura igituma ata bagore bibungenze bagiye muri iryo gerageza. Ni nde yokwipfuza gushira umwana wiwe mu bibazo?".

Ariko rero, muganga Faden abona ko ari ngombwa ko n'abagore bibungenze hamwe n'abonsa nabo nyene ari ngombwa kubageragerezako uru rucanco nimba koko bashaka ko urucanco rwa Covid-19 rukora neza.

Ati: "Nta rucanco rwiza rw'iki kiza dushobora kuronka mu gihe tutaronse urucanco abagore bibungenze bashobora gufata, ngejeje aha".