Liberia: Indirimbo 'Mr Liar Man' ya George Weah yateye ibibazo vyinshi abanyagihugu

George Weah ni umukuru w'igihugu ca Liberia kuva mu 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, George Weah ni umukuru w'igihugu ca Liberia kuva mu 2018
Yatangajwe

Muri Liberiya haravugwa vyinshi ku muntu yoba yagiriye nabi Perezida George Weah ku buryo vyamutumye yerekana akababaro n'uburakari mu ndirimbo nshasha yasohoye muri iyi ndwi.

Mr Liar Man (Nyakwubahwa Mubeshi), indirimbo igize kane isohowe n'uyu mukuru w'igihugu yahoze ari umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru yahavuye aba umunyapolitike - rimwe na rimwe agacishamwo n'ivy'umuziki, iri mu mudiho wa reggae

Bimwe mu biri muri iyo ndirimbo, harimwo nka:

"Mu gihugu canje, bariko bagerageza kumpiga mu vyo ntazi…Ariko Mr. Liar Man (Nyakwubahwa Mubeshi), urazi neza ko ntigeze nkora ivyo unyagiriza".

Abraham Darius Dillon, umukenguzamateka azwi cane atavuga rumwe n'ubutegetsi yibaza ko umukuru w'igihugu yariko avuga umunyamakuru yakora kw'iradiyo y'igihugu aherutse kwirukanwa kubera yaneguye ingene Perezida Weah arongoye igihugu, mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Facebook.

Eka n'abandi batari bake mu basanzwe bakurikiranira hafi ivya politikie hamwe n'ibimenyeshamakuru bavuga ko Perezida Weah yariko yihora uyo yahoze ari umukozi wa reta.

Ariko ibiro vy'umukuru w'igihugu hamwe n'abanywanyi biwe babandanya bahakana mbere batera ivyatsi ibi bimuvugwako.

Perezida Weah yahoze ari umusatirizi mu mirwi ya AC Milan, Chelsea na Paris Saint Germain, yaragiye asohora indirimbo.

Mu ntango za 2000, yarasohoye ururirimbo yaririmbanye n'abahoze bakina umupira w'amaguru i Buraya yavuga ku rukundo n'ubumwe muri Afrika.

Mu 2014, yararirimbanye n'umucuraranzi w'umunya Ghana, Sidney, mu ndirimbo yo guhimiriza abanyagihugu ku kiza ca Ebola mu gihe cariko kiratema gitongora mu karere ka Afrika y'Uburengero.

Mu mezi aheze, aherutse gusohora n'iyindi, aho yavugamwo ibijanye no kurwanya ikiza karanda ca Covid-19.

Ariko ndirimbo yateye ibibazo abantu ni iyi ya kane, aho gushika ubu abanyagihugu babandanya bibaza bati: uyu Mr Liar Man ( Nyakwubahwa Mubeshi) ni nde?