Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Umukuru wa Paris yatojwe ihadabu 'idasobanutse' kubera yahaye akazi abagore benshi
"Ni kubera gutonesha abagore birengeje urugero" - ni yo nyishu y'agahemo (yo kunebagura) y'umukuru w'igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, inyuma yo kubwirwa ko yarenze ku mategeko mu guha akazi abagore benshi mu bibanza bikomakomeye.
Mu twigoro two kurwanya ubusumbasumbane hagati y'abagabo n'abagore mu kazi, amakompanyi n'izindi nzego arahimirizwa guha akazi abagore benshi, kandi mbere bakabagena mu bibanza bikomakomeye biboneka ko vyiziziwe n'abagabo.
Ariko rero, ku mupfasoni Hidalgo, hari ababona ko yarengeje urugero mu kigoro kiwe.
Mu 2018, abagore 11 n'abagabo batanu ni bo badugijwe mu kazi, ibi bikaba biteye kubiri n'itegeko ry'igihugu ryo mu 2013 rifise intumbero yo kuzana uburinganire mu kazi hagati y'abagabo n'abagore.
Ubushikiranganji bw'abakozi ba reta bwaciye aba bategetsi ba Paris ihadabu ingana n'ama Euro 90.000 (ni ukuvuga amadorari y'abanyamerika 109.000).
Umupfasoni Hidalgo yatangaje ati: "Ndi n'umunezero wo kumenyesha ko twaciwe ihadabu".
Iri tegeko ryo mu 2013, rivuga ko kizira kugena igitsina kimwe ku bice birenga 60% mu nzego nyobozi z'igihugu. Umupfasoni Hidalgo yahaye akazi abagore bagera ku bice 69%.
Mw'ijambo yashikirije inama y'abahanuzi b'akarere, uyu mukuru w'igisagara ari mu mugambwe w'aba sosiyalisti yavuze n'agahemo ati: "Ubuyobozi bw'igisagara burahindutse, mu kanya isase, bubaye ubwo gutonesha abagore".
Ariko yerekana kandi ko hari ugukwega amaguru mu guha abagore amabanga akomeye mu Bufaransa kandi ko ari ngombwa kwihutisha mu gukuraho ubu busumbasumbane mu kugena abagore benshi gusumba abagabo.
Ati: "Iri hadabu riragaragara ko ridasobanutse, ni akarenganyo, nta shingiro rifise kandi rizotera ingorane".
Aciye ku rubuga rwa Twitter, umushikiranganji w'abakozi ba reta w'Ubufaransa, Amélie de Montchalin, yishura ko iri tegeko ryahindutse kuva mu 2018.
Mu 2019, hari amahadabu yari yatojwe abahaye akazi abagore benshi canke abagabo benshi ariko arakurwaho kubera ata ngaruka vyari vyateye ku buringanire hagati y'ibitsina.
Yasavye umupfasoni Hidalgo kuganira ingene ivyo kwongereza ibitigiri vy'abagore mu buzi bwa reta vyogenda, anavuga ko amahera azotangwa muri iyi hadabu azoshirwa mu "bikorwa bigaragara".