Ha kubura ubwiherero, abagore bo mu Buhindi bemera inyota

Yatangajwe

Mu gihe ubushuhe bushobora kurenza ibipimo 40 mugihe c'ukwezi kwa gatanu n'ukwa gatandatu, mu Buhindi abagore n'abakobwa ntibaheza ngo bimare akanyota uko umubiri wabo ubibasavye.

Kutanywa amazi bijana n'izindi ngaruka zishobora kubakwegera ingwara ndetse no gupfa.

Si uko batazi akamaro k'amazi mu bihe nk'ivyo, ariko batinya ikintu kimwe gusa; kubura aho bihagarika.