DR Congo igiye kwubaka intatemwa ya Lumumba

Yatangajwe

Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo igiye kwubaka intatemwa y'uwiguze ukwikukira kw'ico gihugu, Patrice Lumumba, nk'uko vyaraye bitangajwe na Perezida Félix Tshisekedi.

Perezida Tshisekedi avuga kandi ko Ububirigi buzosubiza ibisigarira vy'iyi ncungu yari umushikiranganji wa mbere igihe Congo yikukira.

Vyitezwe ko iyi ntatemwa yubakwa imbere y'uko igi gihugu gihimbaza imyaka 61 y'ukwikukira, mu kwa gatndatu 2021.

Mw'ijambo ryiwe, Perezida Tshisekedi yavuze ati: "Mu bikorwa vyo guhimbaza isabukuru y'imyaka 61 tumaze turonse intahe y'ukwikukira, igihugu kizokengurukira Umushikiranganji wa mbere Patrice Emery Lumumba, umwe mu ntwari z'igihugu, ibisigarira vyiwe bikazotahukanwa kugira ngo bishinguranwe iteka ry'uwiguze igihugu".

Patrice Lumumba yagandaguwe mu kwezi kwa mbere 1961. Ikiziga ciwe nticigeze kiboneka, ariko umwe mu bamugandaguwe yashoboye kubika iryinyo ryiwe i Buruseri mu Bubirigi.

Mu kw'icenda uno mwaka, sentare yo muri ico gihugu camaze imyaka itari mike gikoroniza Congo yategetse ko iryo ryinyo risubizwa umukobwa wa Lumuba, Juliana Lumumba, inyuma y'aho yandikiye ikete umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi amusaba ko yorisubiza.