Gerard Houllier yahoze amenyereza Liverpool yapfuye afise imyaka 73

Gerard Houllier celebrates Liverpool's cup treble in 2001 on an open-top bus parade with Steven Gerrard and Sami Hyypia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gerard Houllier ariko arigina intsinzi ya Liverpool mu 2001, bari mu modoka yuguruye hejuru ari kumwe na Steven Gerrard na Sami Hyypia
Yatangajwe

Gerard Houllier yahoze ari umumenyereza wa Liverpool yapfuye afise imyaka 73.

Uwo mumenyereza w'Umufaransa yamenyereje uwo mugwi hagati y'imyaka ya 1998-2004, aho yatwaye ibikombe 5, harimwo ic'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza (FA Cup), ic'imigwi yagize umwuga umupira w'amaguru mu Bwongereza hamwe n'ic'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya, UEFA mu 2000-01.

Imbere yo kuza muri Liverpool, Houllier yaramenyereje Lens, Paris St-Germain hamwe n'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, hanyuma avuye muri Liverpool, yaratwaye ibikombe bibiri mw'ihiganwa ryo mu Bufaransa amenyereza umugwi wa Lyon.

Yarangirije akazi kiwe k'umumenyereza mu mugwi wa Aston Villa, aho yakuye meza inyuma y'amezi icenda gusa mu 2011, kubera ingorane z'umutima.

Mw'itangazo, Liverpool yavuze ko "ibabajwe cane" n'urupfu rwa Houllier.

Uwo mugwi wagize uti: "Turagandariye Gerard Houllier yadushikanye ku ntsinzi zitatu mu mwaka umwe."

"Umuntu wese ari mu mugwi wa Liverpool yifatanije n'umuryango wa Gerard hamwe n'abagenzi benshi."

Aston Villa yagize iti: "Twese muri Aston Villa turababajwe n'inkuru z'urupfu rwa Gerard Houllier, yamenyereje uyu mugwi mu mwaka wa 2010/2011.

"Twifatanije n'abakunzi ba Gerard muri ibi bihe bitoroshe."

Houllier yatanguye kumenyekana cane ari mu mugwi wa Lens na Paris St-Germain mu myaka ya 1980, imbere yo kugenwa kumenyereza umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa mu 1992.

Ariko inyuma y'aho Ubufaransa bunaniriwe kuja mu gikombe c'isi mu 1994 - aho Houllier yataye ishavu ku mukinyi wo ku ruhande David Ginola avuga ko amakosa yakoze ari yo yatumye batsindwa - yaciye atanga imihoho.

Houllier's first game in charge of the Reds came alongside Evans in a 2-1 win at Southampton, although the partnership only lasted a further 17 games before Evans resigned

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urukino rwa mbere yahagarariye rwa Liverpool yari kumwe na Evens aho batsinze Southampton 2-1, n'aho uko gukorana kwabaye ku nkino 17 imbere yuko Evans atanga imihoho

Mu 1998, yahavuye yimukira mu Bwongereza aho yaciye amenyereza umugwi wa Liverpool ari kumwe na Roy Evans.

Evans yaciye atanga imihoho inyuma y'amezi atatu, Houllier aca aramutswa uwo mugwi, arawubaka, anawufasha gutwara ibikombe bitatu mu 2000-01.