Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sudan yafuse ibitabo vy’inzira 3500 vyahawe abanyamahanga
Reta mfatakibanza ya Sudani yafuse ibitabo vy'inzira birenga 3500 vyahawe abanyamahanga basanzwe baba muri ico gihugu, bakaba bari babihawe na reta yirukanywe ku butegetsi ya Perezida Omar al- Bashir.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'ico gihugu avuga ko iyi ngingo ifashwe kubera hari amakuru mabi ajanje n'umutekano w'igihugu, hamwe kandi n'uko abo banyamahanga bahawe ubwenegihugu bidaciye mu mategeko.
Ibinyamakuru vyo muri Sudani bivuga ko abenshi mu bakozweko n'iyo ngingo ari abava mu bihugu vy'Abarabu, cane cane muri Syria.
Ibi binyamakuru bivuga kandi ko abo banyamahanga bategerezwa kuriha amadorari 10.000 y'amanyamerika kugira ngo bahabwe ubwenegihugu bwa Sudani.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati yatangaje kandi ko muri kazoza Abanyasiriya bazotegerezwa gusaba uruhusha rwo kwinjira muri Sudani (visa) imbere y'uko binjira.
Abanyasiriya baharurwa mu 150.000 nibo bazwi ko binjiye muri Sudani kuva intambara yaduka muri Siriya, ni ukuvuga mu kwa gatatu 2011.