Joe Biden aherutse gutorwa ngo arongore Amerika yahinyagaye ikirenge ariko akinisha imbwa

Ahavuye isanamu, Delaware Humane Association
Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa ngo arongore Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe biden, yahinyagaye ikirenge igihe yariko akinisha imwe mu mbwa ziwe, nk'uko umuganga akurikirana amagara yiwe abimenyesha.
Biden w'imyaka 78 yahinyagaye ku wa gatandatu igihe yanyerera ari kumwe na Major, imwe mu mbwa atunze.
Bukeye, vyabaye ngombwa ko Biden yegera umuhinga mu vy'amagufa mu karere ka Newark muri leta ya Delaware, "mu kwicungera".
Umuganga wiwe, Kevin O'Connor, avuga ko ibipimo vya mbere vy'imishwarara ya X (Rayons X) vyerekana ko "atavunitse biboneka", ariko ategeka ko apimwa gusumba agafatwa amasanamu yo mu mubiri (scanning).
Ibipimo vyakurikiye vyerekana ko Biden yahinyagaye amagufa abiri mu kirenge c'i buryo, nk'uko bivugwa n'uyu muganga.
O'Connor avuga ati: "Biboneka ko ashobora kuzokenera ibirato bihabwa abavunitse mu kiringo c'indwi zitari nke kugira ngo ashobore gutambuka".
Ejo ku wa Mungu, Perezida Donald Trump yacishije ubutumwa kuri Twitter ati: "Ndakwipfurije gukira n'ingoga".
Biden aherutse gutsinda Perezida Trump mu matora y'umukuru w'igihugu aherutse kuba mu ntango za kuno kwezi kwa cumi na rimwe, yiteze gutangura kuronswa ivyegeranyo vya mbere vy'amanama yo mu biro vy'umukuru w'igihugu kuri uno wa mbere.
Ibi vyabaye inyuma y'aho ibikorwa vyo guhererekanya ubutegetsi bitanguriye, haraciye indwi.

Ahavuye isanamu, Delaware Human Association
Niyashikirizwa amabanga mu kwezi kwa mbere kw'umwaka uza, Biden azoba ari we mukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika agiye ku butegetsi afise imyaka myinshi, mu gihe mu ntango z'uku kwezi ari ho yakwiza imyaka 78.
Ibi bizotuma amagara ya Biden akurikiranirwa hagufi n'abanywanyi biwe hamwe n'abo batavuga rumwe.
Mu cegeranyo co mu kwezi kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze, umuganga wiwe yavuze ko "ameze neza cane, akomeye" kandi ko "afise ubushobozi bwose bwo kurangura neza amabanga nk'umukuru w'igihugu".
Muvyo yitegekanya kwinjirana ku kirimba c'umukuru w'igihugu 'Maison Blanche/White House', harimwo intozo ziwe zibiri - Champ na Major.









