Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Imodoka yo mu bwoko bwa Rolls-Royce yasubijwe ubwamwi bwa Buganda
Imodoka ya Rolls- Royce Phantom yibwe ubwami bwa Buganda mu 1966 na Idi Amin, kw'itegeko ry'igihugu ca Uganda, yatevye irasubizwa.
Umushikiranganji wa mbere w'ubwami bwa Buganda (Katikkiro), Charles Peter Mayiga, yabwiye BBC ko igihe biba iyo modoka yari afise imyaka itatu gusa.
Mu kiganiro na BBC Newsday yavuze ko isubizwa ry'iyo modoka rifise ikintu gikomeye bisigura:
"Idi Amin nk'umugaba w'ingabo yarungitse umurwi w'abasirikare kuja gutera ku kirimba. Barahasambuye hanyuma batwara amamodoka biba n'ibindi bintu vy'agaciro, ivyo bikaba vyarababaje cane abantu b'i Buganda".
Imodoka zitanu zaribwe, imwe muri izo irasamburwa, izindi zibiri zikaba zitaramenyekana irengero ryazo.
"Harimwo kandi n'imodoka yo mu bwoko bwa Bentley ya nyina w'umwami arongoye u Buganda muri kino gihe… iri muri Afrika y'Epfo, ni ho twayibonye ubu".
Mayiga yavuze ko igitero co ku kirimba cambuye agateka umwami, ariko ko igikorwa co gusubiza iyo modoka ari "ikimenyetso ciza".