Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Abajejwe umutekano 'bateye' ingoro y'umugambwe wa Bobi Wine
Ingoro y'umugambwe wa Robert Kyagulanyi, azwi kw'izina rya Bobi Wine yatewe n'abasirikare baharurwa muri mirongo bafise inkoho bari kumwe n'abapolisi.
Bivugwa ko impapuro zari muri iyo ngoro zatwawe co kimwe n'inkofero ikoze nk'iya gisirikare hamwe n'ibirato vya gisirikare nyene.
Na ya ma kamera afata amasanamu ya CCTV nayo nyene yatwawe.
Bobi Wine avuga ko vyabaye ngombwa ko akinjura ku mvo z'umutekano wiwe.
Umwe mu bahanuzi ba Bobi Wine yabwiye BBC ko abo bapolisi n'abasirikare baterekanye impapuro zibaha uruhusha igihe binjira muri iyo ngoro begeranya impapuro n'imyambaro.
Umuvugizi w'igipolisi ca Uganda, Fred Enanga, yabwiye BBC ati: 'Turi mu gikorwa co kurwanya ikoreshwa ry'imyambaro ya gisirikare ikoreshwa mu buryo bunyuranye n'amategeko".
Iki gikorwa camaze amasaha make, Bobi Wine akaba yagirije abajejwe umutekano ko bagiye batwaye imiliyoni zitandatu z'ibikumu yari yegeranije kugira ngo yemererwe kwitoreza ikibanza c'umukuru w'igihugu.
Ibi bikumu ni nkenerwa kugira ngo umurwi ujejwe gutegura amatora umwemerere guhiganwa. Umuvugizi w'uyu murwi avuga ko igihe ntarengwa gitegekanijwe kurangira ku wa gatanu gishobora kwongerwa mu gihe abahiganwa bobisaba.
Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, leta yaremeje ko inkofero itukura isa n'iyo Bobi Wine n'abanywanyi biwe bambara ari ivya gisirikare.
Ibi bivuze ko umuntu uwo ari we wese ayitunze canke akayambara bidaciye mu mategeko ashobora gukurikiranwa.
Bwana Enanga yavuze ko iki gikorwa kibandanya kandi ko abajejwe umutekano bazosaka no mu bundi burere harimwo n'ingoro z'umugambwe National Unity.
Bobi Wine avuga ko abajejwe umutekano w'igihugu bamurwanya co kimwe n'umugambwe wiwe mu gihe ari mu myiteguro yo guhangana na Perezida Yoweri Museveni mu matora ategekanijwe mu mwaka uza wa 2021.
Hagati aho, umuvugizi w'igipolisi ashimangira ko iki gikorwa ata sano gifitaniye na politike.