USA: Buramatari wa Michigan Gretchen Whitmer yahungishijwe mu gihe FBI iriko ihiga abategura kumunyuruza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Buramatari w'intara ya Michigan muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yahawe amakuru ko hari akarwi k'inkorabara kariko kararondera kumunyuruza aca arahungishirizwa ahantu mu gihe FBI iriko irahiga abashaka kumunyuruza, nk'uko bitangazwa n'umushikirizamanza mukuru w'iyo ntara.
Ku wa kane, ikigo FBI kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu catangaje ko catesheje ico gitero kivugwa ko cagomba gukorwa n'akarwi k'inkorabara kariko kagomba "kwihanira" Buramatari Gretchen Whitmer kamwagiriza ko yahemutse.
Abashika 13 nibo bakurikiranwako ibi vyaha.
Ingingo ruhasha zafashwe mu ntumbero yo kurwanya coronavirus muri Michigan nizo zatumye Buramatari Whitmer ahigwa n'abantu batitayeho ivya Covid-19.
Ejo k wa umushikirizamanza mukuru, Dana Nessel, yabwiye imboneshakure CBS ati: "Rimwe na rimwe, we n'umuryango wiwe bagiye ahungishwa kubera ibikorwa vy'inyamiramabi".
Umupfasoni Nessel avuga ko uyu buramatari akomoka mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi yabwiwe ibijanye n'amatohoza muri ano mezi ya vuba.
Avuga ko abikekwa ko bashaka gukora ako kabi bari bageze ku ntambwe ya nyuma yo gushira umugambi mubi wabo mu ngiro maze igipolisi "gica kimera magabo imbere y'uko bica abantu".
Ni ibiki ako karwi kariko gategura?
Nk'uko icegeranyo ca FBI cashizwe ahabona ku wa kane kibivuga, umuntu yiyoberanije yaritavye inama mu kwa gatandatu mu ntara ya Ohio, aho abanywanyi b'akarwi k'inkorabara gafise icicaro i Michigan baganira ku mugambi wo gusenyura ubutegetsi bw'ababuramatari b'intara "ako karwi kavuga ko bariko barahonyanga ibwirizwashingiro rya Amerika".

Ahavuye isanamu, ANTRIM COUNTY SHERIFF’S OFFICE
Mw'ireresi imwe, umwe mu bikekwa yerekanywe ariko yiyamiriza uruhara rw'intara mu bijanye n'igihe amazu ngororamubiri (Gyms) azokwugururirwa muri kino gihe c'ingingo za guma mu rugo kubera coronavirus.
Abajejwe amatohoza bavuga ko abo bantu bakoreye inama yabo mu nzu yo munsi yagerwamwo uciye mu canzo gisanzwe gipfutswe n'igitambara hasi.
Abantu batandatu - batanu bava Michigan n'umwe ava muri Delaware - bariko baraburanywa muri sentare y'igihugu ku caha co gutegura uwo mugambi ugayitse.
Aba bantu batandatu ni Adam Fox, Barry Croft, Kaleb Franks, Daniel Harris, Brandon Casert hamwe na Ty Garbin.
Abandi indwi bagirizwa iterabwoba n'ivyaha bikorwa n'imirwi y'inkozi z'ikibi muri sentare y'intara, muri uru rubanza nyene rwo kunyuruza uyu mukuru w'intara.
Aba bazwi ku mazina ya Paul Bellar, Shawn Fix, Eric Molitor, Michael Null, William Null, Pete Musico na Joseph Morrison.
Uyu murwi wategura kwegeranya "abagabo bashika 200" kugira bakore igitero ku biro vy'intara bace banyuruza abategetsi, harimwo na buramatari.
Bipfuza gushira mu ngiro uwu mugambi imbere y'amatora ategekanijwe mu ntango z'ukw'icumi na rimwe. Ivyo vyanse, bategura ko boca batera uyu buramatari muhira iwe, nk'uko abategetsi babivuga.
None buramatari avuga iki?
Mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa kane, uyu buramatari yavuze ko uwu mugambi mubi wateguwe kuri we wavuye ku majambo avugwa na Perezida Donald Trump, akavuga ko yari amaze amezi atari make "abiba uwanko n'uburakari, agatera intege abakwirakwiza ubwoba, inzigo n'amacakubiri".
Nk'uko amakuru aca ku mbuga hwaniro abivuga kandi bigasubirwamwo n'ibinyamakuru vya Amerika, bamwe mu bagirizwa gutegura uwu mugambi bahora bashigikiye Perezida Trump, n'aho umwe mu bagize ako karwi yamwise "umunyakibi", yongerako ati "umuntu uwo ari we wese akorera ubutegetsi ni umwansi wawe".
Mu kwa kane, Bwana Trump yarashigikiye imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo za guma mu rugo, aho yandika kuri Twitter ati "BOHORA MICHIGAN". Haciye ukwezi, abari muri iyo myiyerekano bitwaje inkoho barateye ibiro vy'iyo ntara.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikirizamanza mukuru wa Michigan avuga ko abagabo babiri bafashwe amasanamu muri iyo myiyerekano yo mu kwa gatanu bari muri abo bantu bahagaritswe bikekwa gutegura uwo mugambi.
Ku wa kane mw'ijoro, Bwana Trump, umu Repubulika, yashatse gushigikira abajejwe amatohoza ku rwego rw'igihugu bahakana aya makuru y'iterwa ry'uyu buramatari.
Yanditse kuri Twitter ati: "Aho kumbwira ati urakoze, yanyise ko nshigikiye abarwanira inyungu z'abazungu - mu gihe Biden n'abo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi banse kwiyamiriza Antifa, Abagarariji, Abasuma, n'imirwi y'inkorabara iturira ibisagara birongowe n'aba Democrates".
Michigan irashobora kugira uruhara rukomeye mu bizova mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kuza muri Amerika.
Joe Biden umu Democrate ahanganye na Perezida Trump ariyamiriza aka karwi, avuga ko "gateye akaga" kandi ko ubutumwa bwa Trump kuri Tweet bwavuga ngo "bohora" bwateye intege aka karwi.
Ati: "Amajambo y'umukuru w'igihugu arakomeye. Kubera iki perezida atovuga basi ati hagarika, hagarika, hagarika, hagarika?"
Muri ino myaka, Amerika yaranzwemwo imigumuko ikomeye ifitaniye isano n'imirwi y'abanyamerika yitwara gisirikare.
Abanywanyi bayo, akenshi usanga ari abazungu, rimwe na rimwe bafise ibirwanisho mu gihe c'imyiyerekano. Ubushikiranganji bujejwe umutekano w'igihugu bwaragabishije muri ino ndwi, mu cegeranyo c'umwaka, ko imirwi irwanira inyungu z'abazungu ari "akaga gakomeye kabandanya kandi gahitana ubuzima bw'abanyagihugu mu gihugu".










