Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Fabien Banciryanino yagirijwe amajambo mabi cane kuri Nkurunziza
Uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino yarengukishijwe imbere y'umushikirizamanza mukuru i Bujumbura, yagirizwa amajambo mabi cane 'kuri perezida Nkurunziza', imbere yo kujanwa mw'ibohero rya Mpimba nk'uko umushingwamanza abivuga.
Banciryanino yari mu nama nshingamateka yahejeje ikiringo, azwi cane ko atarya umunwa mu kunegura ubutegetsi bw'Uburundi mu vyiyumviro yashikiriza muri iyo nama.
Umushingwamanza wiwe, Christophe Nkeringanji, yabwiye BBC ko yagirijwe ivyaha bitatu birimwo amajambo yashikirije mu nama nshingamateka "y'uko abategetsi bishe abantu ku ntwaro y'umuhisi prezida Pierre Nkurunziza".
Uruhande rwa reta nta co ruravuga kw'ipfungwa n'ivyaha uyu yahoze ari umushingamateka yagirizwa.
Banciryanino yahagaritswe ku wa gatanu w'indwi iheze afatiwe ku muhana iwe muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura, aho yari agiye kugirana ikiganiro n'abamenyeshamakuru.
Gushika kuri uyu wa kane yari akiri mu gasho arindiriye ko amatohoza arangira.
Inyuma yo kwumvirizwa n'umushikirizamanza, umushingwamanza wiwe Christophe Nkeringanji yabwiye BBC ati: "Bamaze kumuhagarika, baramupfunze vy'agateganyo, ubu bamujanye ku Musaga [mw'ibohero rya Mpimba]."
Bwana Nkeringanji avuga kandi ko bamwagirije ivyaha bitatu ari vyo; "Rébellion (ikirobere), gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu, n'amajambo mabi cane ahungabanya uwundi."
Ati: "Mu bisanzwe ntiyashobora gukurikiranwa ku bintu yavuze ari mu mirimo yo guserukira abanyagihugu kuko amategeko ategekanya ko ata mushingamateka ashobora gukurikiranwa ku kintu yavugiye mu nama nshingamateka kuko aba ariko avugira abantu bamutoye."
Igihe inama nshingamateka yariko iriga integuro igenera uturusho n'icubahiro umuhisi prezida Pierre Nkurunziza mu mpera z'ubutegetsi bwiwe, Banciryanino yavuze ko Nkurunziza adakwiriye ivyo vyubahiro, ko ahubwo "akwiriye gushikirizwa ubutungane" akabazwa amabi yabaye ku ntwaro yiwe.
Mu gihe yari akiri mu mabanga y'ubushingamateka, Fabien Banciryanino kandi yaranditse amakete amenyesha reta urutonde rw'abantu banyurujwe n'abandi bishwe, asaba ko hokorwa amatohoza ata ho ahengamiye.
Uwumuburanira avuga ko imbere y'umushikirizamanza, Banciryanino yabajijwe ibintu bitandukanye birimwo ikiganiro yari agiye kugirana n'abanyamakuru kigahagarikwa n'umukuru wa zone ya Ngagara.
Nkeringanji avuga ko Banciryanino yari yandikiye inzego zose zibijejwe asaba uburenganzira bwo gutanga ico kiganiro anamenyesha aho cari kubera, ariko ko batamwankiye kandi batamwemereye.
Uyu amwunganira avuga ko ubu hazoca n'imiburiburi iminsi 14 kugira ngo "ashikirizwe abacamanza bemeze niba azoguma aburana yidegemvya canke azoburana apfunzwe."