Iran: Navid Afkari umukinyi akunzwe yishwe anyonzwe nubwo benshi ku isi bari bavyiyamirije

Ahavuye isanamu, Twitter
Muri Irani banyonze umukinyi wo guturana hasi (wrestling) yagirizwa kwica naho akamo k'amakungu kasaba isubirwamwo ry'urwo rubanza rwiwe ariko ntibigire ico bihindura.
Navid Afkari w'imyaka 27 yakatiwe urwo gupfa kubera urupfu rw'uwujejwe umutekano mugihe c'urukurikirane rw'imyiyerekano yo kwiyamiriza Leta mu 2018.
Yavuze ko yagiriwe iyica rubozo kugira yemere icaha.
Umugwi uharanira agateka ka zina muntu Aministie International ubona ko icicwa rya Afkari ritubahiriza n'ubutungane.
Mu majwi yakwiragijwe n'uyo mugwi, Afkari yavuze ati : ''Niyo nicwa, ngomba muze mumenye ko nari umwera". Naho yagerageje kandi agakoresha inguvu ziwe zose ngo aticwa.
Afkari yishwe anyonzwe mu Bumanuko bw'igisagara ca Shiraz, nk'uko bivugwa n'iradiyo y'igihugu.
Umwunganizi wiwe mu bijanye n'amategeko yarabujijwe ko babonana n'umuryango wiwe imbere y'uko apfa, nk'uko bisabwa mu mategeko ya Irani.
Ku rubuga rwiwe rwa Twitter yanditse ati : ''Kuki mwihutiye gusoma urwo rubanza gushika aho mubuza Navid ko abiwe bamusezera ubwa nyuma''?
Harabaye abantu benshi basaba ko urwo rubanza rwo gupfa rufutwa, harimwo na Sendika irimwo abanonotsi bakwiragiye hirya no hino kw'isi yose bashika ibihumbi 85.
Iyo sendika yitwa World Players Association yamenyesheje ko uyu mu kinyi w'umukino gukubitana hasi yarondewe biteye kubiri n'amategeko kugira yitabe iyo myiyerekano, yongera isaba gukura Irani mu mikino ico gihugu kirinze gishira mu ngiro ukwo kumunyongwa.
Umukuru wa Amerika Donald Trump yamusabiye imbabazi avuga ko uyo mukinyi igikorwa conyene yakoze ari ukwo yihereje amabarabara akaja mu myiyerekano yiyamiriza Leta.
Urwego mpuzamakungu rujejwe kwinonora imitsi rwamenyesheje ko iyicwa ryiwe ari inkuru mbi cane isaba umuryango wiwe n'abagenzi kwihangana.
Mu rwandiko rwabo, banditse bati: ''Birababaje cane kubona ivyronderwa n'abanonotsi hirya no hino kw'isi hamwe n'ivyakozwe n'urwego mpuzamakungu kw'isi rujejwe kwinonora imitsi bitashitse ku ntumbero yavyo''.
Mw'ijwi ryakwiragijwe riva mw'ibohero aho yari yugaraniwe, Afkari yavuze ko yasinzikarijwe ubuzima. Nyina wiwe yavuzeko umuhungu wiwe yategetswe kwagiriza ivyaha umwe wese ukwiwe.
Yongeye agira ati "amasanamu yakoreshejwe nk'ivyemezo yafashwe isaha imwe imbere y'uko ubwo bwicanyi buba."
Ku rubuga rwiwe rwa Twitter umucamanza wiwe yavuze ko ata masanamu ya video y'igihe y'ukwicwa kw'uwujejwe umutekano yabayeho, nk'uko bivugwa mu makuru yo muri Irani.
Abategetsi ba Irani barahakana icaha ko gusinzika ubuzima bagirizwa.
Afkari yari umukinyi azwi cane muri Irani kuva kera kandi akundwa n'abanyagihugu.
Mu 2018, abantu bihereje imyerekano hirya no hino mu bisagara muri Irani kubera ikibazo c'ubutunzi hamwe n'ugutoteza abantu guhagaze kuri politike.









