Impunzi zitandatu zikomoka muri Sudan y’Ubumanuko zishwe muri Uganda

Yatangajwe

Impunzi zitandatu zikomoka muri Sudani y'Ubumanuko zaraye zishwe izindi zine zirakomereka mw'ikambi y'impunzi iri mu karere ka Madi Okollo mu buraruko bwa Uganda.

Mw'itangazo ryasohowe n'igipolisi co mu ntara ya West Nile, umuvugizi waco, Josephine Angucia, avuga ko abantu 13 b'abasangwa ari bo bamaze guhagarikwa ku mvo z'amatohoza kuri ubwo bwicanyi.

Ubu bwicanyi bwabaye inyuma y'aho bamwe mu mpunzi bakubitiye umunyagihugu yari aragiye inka ziwe hafi y'iyo kambi.

Amakuru yagiye gusohoka mu nyuma yavuga ko uyu munyagihugu yahavuye apfa, ivyatumye abanyagihugu bashangashirwa, maze batera iyo kambi.

Igipolisi n'igisirikare baracarondera abandi bikekwa kugira uruhara muri ubu bwicanyi.

Uganda nico gihugu ca mbere muri Afrika gihaye indaro impunzi nyinshi, aho izishika umuliyoni 1.4 zicumbikiwe muri iki gihugu, abenshi bakaba bava muri Sudani y'Ubumanuko ihana urubibe n'ico gihugu.

Kuva mu myaka mike iheza, icuka kibi caribonekeje hagati y'impuzi n'abanyagihugu baba mu burere bwazakiriye bapfa umutungo kama, nk'ubutaka, inkwi n'amazi.

Icegeranyo c'ishirahamwe International Refugee Rights Initiative co mu mwaka uheze kiragabisha ko ibintu bishobora kuyangara mu gihe iki cuka kibi kirangwa mu bice vyo mu buraruko no mu buraruko bushira uburengero kitotorerwa umuti.