Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi w'amareresi rurangiranwa Chadwick Boseman yapfuye yishwe na kanseri
Umukinyi w'amareresi (filime) rurangiranwa w'umunyamerika Chadwick Boseman, azwi cane mw'ireresi Black Pantheryapfuye ahitanywe na kanseri nk'uko bimenyeshwa n'umuryango wiwe.
Uyu mukinyi w'imyaka 43 yapfiriye muhira iwe i Los Angeles, umuryango wiwe umuhagatiye.
Boseman ntiyigeze avuga ku mugaragaro hejuru ibijanye n'indwara yiwe.
Mw'itangazo umuryango wasohoye, wavuze uti: "Mu rugamba rudasanzwe, Chadwick yari yarwanye uko ashoboye, kandi arashobora no gukina amareresi mwakunze cane".
"Kuva kuri Marshall gushika kuri Da 5 Bloods, August Wilson's Ma Rainey's Black Bottom hamwe n'ayandi - aya yose yayakinye arwaye, abagwa, afata n'imiti. Iteka ridasanzwe mu mwuga wiwe rikaba ryabaye igihe arokora Umwami T'Challa mw'ireresi Black Panther".
Boseman yatanguye kumenyekana igihe asubiramwo abantu babayeho- nk'umukinyi akomeye wa baseball Jackie Robinson mu gikino '42' co mu 2013, hamwe n'umucuraranzi James Brown muri Get Get Up 2014.
Hagati aho, ikintu kizokwibukwa cane kuri we ni uko yabaye umukinyi mukuru mw'ireresi ikomeye cane Black Panther.
Boseman arazwi kandi mw'ireresi yakinye nk'umukuru w'igihugu ca Wakanda, igihugu ngereranyo ca Afrika gifise ubuhinga bw'akataraboneka kw'isi.
Uretse ko iyo reresi yashimwe cane gusumba amareresi yandi kw'isi mu kwinjiza amadolari arenga imiliyari 1,3 z'amadolari y'Amerika, iyi reresi yabonetse cane nk'intambwe ndangamuco ikomeye irimwo abirabure benshi kandi irongowe n'umwirabure, Ryan Coogler.
Mu mwaka uheze, Boseman yavuze ko iyi reresi yahinduye insiguro yo kwitwa "umusore, umuntu w'impano n'ukwitwa umwirabure".
Black Panther niyo reresi ikomeye yabaye iya mbere ku mashusho meza muri Oscars.
Yagize kandi uruhara mu zindi reresi, Captain America: Civil War, Avengers: Infinity War na Avengers: Endgame.
Iri tangazo riza kubabaza abantu benshi kuko Boseman atigeze avugira ku mugaragaro ibijanye n'indwara yiwe kuva igihe apimwa mu 2016 agasanga ararwaye.
Hagati aho, abafana bagiye gutangura kugira amakenga ku buzima bwiwe muri uyu mwaka inyuma y;aho atanguye kugabanuka ibiro.
Ubutumwa bw'icubahiro bwatanguye kwisuka mu kwibuka iyi nyenyeri, harimwo umukinyi Mark Ruffalo hamwe n'umuyobozi Jordan Peele, banditse ku rubuga rwa Twitter bati "uru ni uruhombo rukomeye".