Syria: Imodoka za gisirikare za Amerika n'Uburusiya zagonganye

Buri ruhande rwagiriza urundi ko ari rwo rwavogereye urundi

Ahavuye isanamu, RUSVESNA.SU/YOUTUBE

Insiguro y'isanamu, Buri ruhande rwagiriza urundi ko ari rwo rwavogereye urundi
Yatangajwe

Uburusiya na Leta Zunze Ubumwe za Amerika biragirizanya ko buri ruhande ari rwo ntandaro yo kugongana hagati y'imodoka za gisirikare z'ivyo bihugu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria, isanganya ryatumye haba abasirikare ba Amerika bakomereka.

Ireresi y'ingene zagonganye yakwiragijwe n'ikinyamakuru co ku mbuga ngurukanabumenyi ca leta y'Uburusiya, Rusvesna.su, mu nyuma ica ikwiragizwa ku rubuga rwa Twitter.

Iyo reresi yerekana imodoka ya gisirikare y'Uburusiya mu bugaragwa igonga imodoka ya gisirikare ya Amerika, mu gihe kajugujugu y'Uburusiya nayo yariko igendera hafi cane.

Uburusiya bwagiriza ko Amerika yazibiye ibikorwa vyabwo vyo kugenzura akarere.

Amakuru y'iri sanganya yamenyekanye nijoro ku wa gatatu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bukavuga ko bwari bwagabishije igisirikare ca Amerika ko igisirikare c'Uburusiya kizozunguruka muri ako karere.

Itororokanirizo ry'amakuru ry'Uburusiya, TASS, risubiramwo itangazo ryasohowe n'ubwo bushikiranganji rivuga riti: "Hagati aho, yirengagije amasezerano asanzwe ahari, abasirikare ba Amerika bagerageje kuzibira ibikorwa vyo kugenzura akarere vyariko bikorwa n'Uburusiya".

"Mu kwishura kuri ivyo, igisirikare c'Uburusiya cafashe ingingo nkenerwa kugira ntihagire ikibi kiba, hanyuma gica cibandaniriza n'igikorwa cari cahawe".

Inama nkuru ijejwe umutekano yo mu biro vy'umukuru w'igihugu (NSC) ca Amerika ivuga ko imodoka y'Uburusiya yagonze imodoka ya Amerika irwanya ama mine, "ituma mu bayirimwo bakomereka".

Umusirikare atashatse ko izina ryiwe rimenyekana wo mu gisirikare ca Amerika yabwiye urubuga ngurukanabumenyi Politico ko abasirikare bane ba Amerika ari bo bagize ibibazo bito vyo mu mutwe.

Amerika ifise abasirikare hafi 500 muri ako karere - igitigiri gito cane ugereranije n'abahorayo - barungitswe kugira bafashe gukingira ako karere ibitero vy'abarwanyi b'umurwi wiyita Leta ya Isilamu (IS).

Igisirikare ca Amerika gifasha ingabo z'umuhari w'aba kurde, Syrian Democratic Forces/Forces démocratiques syriennes (SDF).

Umuvugizi w' inama nkuru ijejwe umutekano mu biro vy'umukuru w'igihugu, John Ullyot, yasubiwemwo na Politico, avuga ko iryo sanganya ryabaye hafi isaha zine ejo ku wa gatatu , aho ingabo zari mu bikorwa bisanzwe vy'irondo bahura n'abasirikare b'Uburusiya hafi y'akarere ka Dayrick mu buraruko bushira ubuseruko bwa Syria.

Mu kwiyamiriza igisirikare c'Uburusiya cagonganye n'imodoka ya Amerika, avuga ko abari muri ivyo bikorwa vyo kugenzura akarere baciye bava aho hantu "kugira ibintu ntibiyangare".

Bwana Ullyot ati: "Ibikorwa nk'ibi bihungabanya umutekano kandi ata buhinga burimwo bihonyanga amasezerano yo kwirinda imishamirano yumvikanyweko na Amerika n'Uburusiya mu kwa cumi na kabiri mu 2019".

Uburusiya busanzwe bufasha umukuru w'igihugu ca Syria, Bashar al-Assad, mu kumuha ibirwanisho bikomeye, harimwo n'indege zitera ibibombe biremereye, kugira ngo ashobore kurwanya imirwi y'inyeshamba, harimwo n'umuhari IS.