Uyu mumenyeshamakuru iryinyo ryamukorokanye ariko arasoma amakuru

Ahavuye isanamu, Instagram
Burya uriko usoma amakuru ku mboneshakure ushobora gushikirwa n'ibintu bigoye kwitura - mu buhinga bw'ivyuma bikanka, canke ukaronka abashitsi utari witeguriye
Ariko muri ino ndwi, Marichka Padalko asanzwe asoma amakuru ku mboneshakure ya Ukraine, yashikiwe n'ibintu mu Kirundi tuvuga ko ari ibisigabwenge, ikintu kitamenyerewe, aho rimwe mu menyo y'imbere ryamukorokana.
Ariko rero, nk'umunyamwuga nyawe, afise uburambe, yaciye afata iryo ryinyo mu minwe, yigira uw'ejo arabandanya nk'uko umengo ntacabaye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya Instagram ubutumwa
Yanditse kuri Instagram ati: "Mvugishije ukuri, nibaza ko ivyambayeko atawabibonye".
Yongeyeko ati: "Ariko twariyibagije ivyo abariko baradukurikira boba bari babonye.
Umupfasoni Padalko avuga ko yigeze kuja kwivuza iryinyo haciye imyaka hafi icumi inyuma y'aho umwana wiwe arikubiseko icuma.
N'ubwo bitashotse bija kuri YouTube, uyu mupfasoni Padalko avuga ko yishimira ingene bamuteye intege
Ati: "Ibihe ivyo ari vyo vyose, shira umutima mu nda"
"Ni ah'ejo mu gatondo"










