Rwanda - Coronavirus: abantu 42 bahagaritswe barenze ku mategeko abuza amakoraniro

Ahavuye isanamu, Rwanda Police
Abantu 42 bahagaritswe n'igipolisi c'u Rwanda mu karere ka Gatsibo mu murenge wa Rugarama, inyuma y'aho kibasanze bakoraniye hamwe bariko basenga.
Amakuru yatangajwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw'igipolisi c'u Rwanda avuga ko abo bantu bafashwe ejo ku wa 17 kubera bahonyanze amategeko abuza abantu gukoranira hamwe mu rwego rwo kwirinda ikwirakwira ry'ikiza karanda ca COVID-19.
Amategeko asaba abanyagihugu kuguma mu rugo ashirwa mu ngiro n'abajejwe umutekano mu Rwanda, babuza abantu gusohoka mu ngo zabo. Gusa, Guma mu rugo yaraheze kireste uduce tumwe tumwe i Kigali, Nyamagabe na Nyamasheke.
Umuvugizi w'igipolisi mu ntara y'Iburasirazuba, Chief Inspector of Police (CIP) Humdun Twizeyimana, avuga ko baronse amakuru y'abo bantu bariko bakoraniye hamwe bayahawe n'abanyagihugu.
Ati: "Abaturage baduhaye amakuru ko hari abantu barenze ku mabwiriza ya Leta yo kurwanya Koronavirusi".
"Twahise dutegura igikorwa co kubafata, nibwo twabasanze bateraniye ahantu mu bisambu bari mu masengesho".
Leta y'u Rwanda iheruka gufungura amasengero inyuma y'amezi ane yugawe kubera coronavirus, gusa yatanze ingingo ategerezwa gukurikiza.
Nk'uko amakuru ari kuri urwo rubuga abandanya abivuga, CIP Twizeyimana yagiriza abo bantu ko "bari bakoranye batubahirijwe n'ingingo n'imwe kandi bavuye mu mihingo itandukanye".
Avuga kandi ko ata n'umwe yari yambaye agapfukamunwa, batanubahirije ingingo yo kutegerana kandi ata n'amazi yo gukaraba yari ahari, ngo ivyo bigashobora gutuma banduzanya.
Ati: "Bose bari bazi neza ko ivyo barimwo bitemewe ariko babirenzeko barabikora.... Hariya bari bateraniye nta bwirinzi ubwo aribwo bwose bubahirije ku buryo umwe muri bo abaye yanduye yashobora kwanduza abandi."
Mu Rwanda, abantu bashika 1,473 nibo batangajwe ko banduye umugera wa coronavirus, muri bo bane bakaba barapfuye.
Iki gihugu camaraze igihe c'iminsi 45 mu mategeko ya guma mu rugo, ubu akaba yaratezuwe.
Hagati aho, hari uturere duherutse gusubizwa muri ayo mategeko, ubutegetsi bukavuga ko bwafashe iyi ngingo inyuma y'ubusesanguzi bwakozwe n'inzego z'ubuzima ku kiza karanda ca coronavirus" muri utwo turere.










