Christopher Aurier, mwenewabo wa Serges Aurier, yishwe arashwe mu Bufaransa

Serge Aurier

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Serge Aurier akina inyuma ku ruhande rw'iburyo muri Tottenham akongera akaba kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire
Yatangajwe

Mwenewabo n'umukinyi wa Tottenham Serges Aurier yishwe arashwe mu gisagara ca Toulouse mu Bufaransa, bikavugwa ko yiciwe hanze y'akabare.

Ibinyamakuru vy'Ubufaransa bivuga ko Christopher Aurier yagiye gupfira mu bitaro aho yari yasimbanywe inyuma yo gutorwa n'abajejwe ubutabazi aho aryamye yarashwe mu nda.

Amakuru atangwa n'abegereye abajejwe amatohoza avuga ko uwikekwa ko yamwishe yaciye ahunga.

Uyu munya Côte d'Ivoire, Christopher nawe we nyene yari umukinyi w'umupira nka mukuru we, akaba yari asanzwe akina mu Bufaransa.

Itangazo ryasohowe na Tottenham rivuga riti: "Uyu murwi uri n'umubabaro mwinshi wo kwemeza amakuru yatanzwe n'ibinyamakuru ko mwenewabo na Serges Aurier yasandavye mu gaturuturu k'uno munsi".

"Turifatanije na Seges muri bino bihe vy'umubabaro kandi tugasaba ko amabanga y'uyu mukinyi n'umuryango wiwe yubahirizwa. Twese mu murwi turahojeje Serges n'umuryango wiwe".

Yapfuye gute?

Abajejwe ubutabazi bagiye gushika ahabereye iryo bara isaha cumi n'imwe z'agatondo kuri uno munsi wa mbere, nk'uko bivugwa n'imboneshakure yo mu Bufaransa.

Abatuye ahegereye aho vyabereye bahamagaye igipolisi inyuma yo gusanga nyakwigendera aryamye hasi yakomeretse mu nda.

Nk'uko amakuru atangwa n'iradiyo Europe 1, yakomeretse arashwe amasasu abiri hampande y'akabare.

Ikinyamakuru ca Toulouse, La Dépêche, casohoye isanamu kivuga ko ari ahabereye ubwo bwicanyi hanze y'akabare ka Kin, hafi y'ibarabara Boulevard de Thibaud.

Christopher Aurier yari nde?

Uyu muhisi yari afise imyaka 26 yarakinye mu murwi Rodéo Toulouse - wari mu cicaro ca gatanu mu mwaka uheze - inyuma yo gukina mu mirwi ya Racing Club de Lens, Gueugnon, Chantilly no mu murwi w'u Bubirigi wa Rebecq, nk'uko bivyugwa n'ikinyamakuru Le Figaro.

Mukuru we Seges w'imyaka 27 akina inyuma ku ruhande rw'iburyo mu murwi Tottenham wo mu Bwongereza akongera akaba kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Côte d'Ivoire .