Akamaramaza ka Eric Maxim Choupo-Moting katumye Paris St-Germain idatwara igikombe kare

Eric Maxim Choupo-Moting

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Eric Maxim Choupo-Moting ku buryo budasigutse yahindukije umupira watewe na mugenzi wiwe kandi wariko uraja mw'igoli igihe ibitsindo vyari 1-1
Yatangajwe

Eric Maxim Choupo-Moting yagiriwe n'icaha c'uguhusha kubi kwa mbere kumaze kuboneka muri kahise k'umupira w'amaguru igihe Paris St-Germain yapfusha ubusa amahirwe yo gutwara igikombe ca Ligue 1 ikina na Strasbourg.

Ishoti ryatewe na Christopher Nkunku ryari rigiye mw'igoli imbere y'uko uwahoze akinira Stoke, Choupo-Moting, ku buryo budakenewe, akoreye ku mupira ku murongo w'igoli, uca ukubita ku giti c'igoli.

PSG yagiye imbere ku gitsindo ca Choupo-Moting ariko Nuno da Costa arishura na Anthony Goncalves yinjiza ica kabiri c'abashitsi ari ku metero nka 18, hanyuma Presnel Kimpembe aza kwishurira PSG.

Iyo kipe yo ku murwa mukuru yari ikeneye gutsinda Strasbourg kugira ice itwara igikombe hasigaye imikino umunani mw'ihiganwa. Barashobora kugitwara kuwa Mungu uza nibanganya na Lille ya kabiri ku rutonde.

Choupo-Moting yari yatangujwe mu kibanza c'uwumaze kwinjiza vyinshi kurusha abandi muri Ligue 1, Kylian Mbappe, afise ubu ibitsindo 27, akaba yari yaruhuwe aza kwinjira mu gice ca kabiri.

Eric Maxim Choupo-Moting

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ngibi kandi ubirabiye ku rundi ruhande...

Choupo-Moting yabariye Canal+ ati: "Naribajije niba nari naraririye kandi vyabaye vuba cane. Nakoze ku mupira, uca ukubita ku giti c'igoli, emwe n'ukuri ni akamaramaza kuko uwo mubira wari ugiye kwinjira".

"Mubimbabarire."

Iyi kipe imenyerezwa na Thomas Tuchel, yakuwe na Manchester United muri 16 zisigaye muri Champions League, iracafise amahirwe yo gutwara ibikombe bibiri aho izohura na Rennes mu rukino rwanyuma rw'igikombe c'Ubufaransa ku wa gatandatu itariki 27 z'ukwa kane.

Bamaze kutwara igikombe inshuro zine bikurikiranya.

PSG, imaze gutwara bitanu mu bikombe bitandatu biheruka, imaze gutsinda inkino 15 zoze ziheruka muri League 1 yakiniye muhira.