Slovenia: Igishusho ca Melania Trump, umugore wa perezida wa USA, caraturiwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Igishusho c'umugore wa Perezida Trump, Melania Trump cari gikozwe mu biti bivugwa ko caturiwe aho cari kimanitswe hafi y'aho avuka mu gihugu ca Slovenia mu Bulayi, baca baragikuraho.
Brad Downey, umuhinga mu gushushanya yari yakoresheje ico gishusho, avuga ko caturiwe kw'igenekerezo rya 04 z'uku kw'indwi, umunsi Amerika ihimbaza intahe y'ukwikukira.
Uyo munyamerika asanzwe aba mu gisagara ca Berlin mu Budagi yaciye asaba ko ico gishusho cari cononekaye gikurwaho ku munsi ukurikira.
Igipolisi cabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko amatohoza yatanguye.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika ntivyashatse kugira ico bibivuzeko.
Ico gishusho cari cakozwe mu giti gishirwa hanze y'igisagara ca Sevnica aho Melania yavukiye muri Slovenia.
Cerekana Melania Trump yambaye ikanzu isa n'ubururu isa n'iyo yari yambaye igihe umugabo wiwe yimikwa catumye, abantu bavuga vyinshi igihe kimanikwa mu kw'indwi 2019.
Bamwe mu baba muri ico gisagara bavuze ko ico gishusho kimuteje isoni nk'umugore w'umukuru w'igihugu.
Bwana Downey yabwiye Rueters ko icipfuzo ciwe ari ukumenya abasambuye ico gishusho n'ico bashaka.
Kubw'iwe, ico gishusho cari gutuma haba ibiganiro ku bijanye n'icuka ca politike kiri muri Amerika, harimwo n'ikibazo nkoramutima c'abimukira.
Umugore wiwe yavukiye yongera akurira muri Slovenia igihe iki gihugu cari kikiri intara y'icahoze ari Yougoslavia, mu nyuma akaba yagiye kwimukira muri Amerika mu myaka ya 1990.
Ico gishusho muri Slovenia casambuye mu gihe ibishusho vy'abategetsi batandukanye ba Amerika bagize uruhara mu bucakara vyariko birabomorwa bivuye ku myiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko rishingiye ku rukoba.
Mu majambo yiwe aherutse gushikiriza, harimwo n'iryo yavuze ku munsi wo guhimbaza intahe y'ukwikukira, Perezida Donald Trump wa Amerika yariyamirije bikomeye abonona n'abasambura ivyo bishusho.

Ahavuye isanamu, AFP
Kuva Trump atowe nk'umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu 2016, Sevnica cabaye igisagara cakira ingenzi nyinshi ahanini zashaka kumenya vyinshi ku mamuko ya Melania Trump n'ubuto bwiwe.
Mu kwezi kw'umunani umwaka uheze, igishusho cerekana Perezida Trump carubatswe muri Slovenia, mu buseruko bw'umugwa mukuru Ljubljana, naco nyene kikaba catateye impari nk'uko vyagenze ku gishusho c'umugore wiwe.
Ico gishusho capima uburebure bw'imetero umunani naco nyene caraturiwe n'abantu batamenyekanye mu kwa mbere kw'uno mwaka.










