Abataye izabo bageze ku miliyoni 50.8 ibitari bwigere bibaho

Yatangajwe

Abantu bagera ku miliyoni 50.8 kw'isi barataye izabo bahungira hagati, igitigiri kitari bwigere kibaho, biturutse ku ntambara canke ku biza, coronavirus ikaboneka ko ishobora kwunyura ibintu, nk'uko icegeranyo kibivuga.

Icegeranyo c'ikigo gikurikiranira hafi abataye izabo, Internally Displacement Monitoring Center (IDMC) , kivuga ko Covid-19 ishobora kubangamira bikomeye abantu imiliyoni n'imiliyoni basanzwe ari ba ntahonikora.

Intambara zaratumye abarenga imiliyoni 45 bata izabo, abandi bashika ku miliyoni zitanu nabo barata izabo kubera ibiza nka za nyamugigima n'imyuzurira, nk'uko IDMC ibivuga.

Ici kigo congera ko y'uko igitigiri c'abantu bahungira hagati - abahunga intambara n'ibiza ariko bakaguma hagati mu bihugu vyabo - caduze ku buryo butari bwigere bubaho.

Icokigo kivuga ko ivyo bitigiri vyaduze kubera abiyongereye ku bantu baharurwa mu miliyoni 33.4 bataye izabo mu 2019, ibitigiri bitari bwigere bibaho mu mwaka kuva mu 2012.

Ikiza ca coronavirus kiboneka ko kigiye kwunyura ibintu gusumba, cane cane abasanzwe baba mu burere burimwo abantu benshi cane, aho isanga isuku atari ikirenga.

Uko kubaho barundarundanye bituma za ngingo zo kutegerana n'iz'isuku zisabwa kugira uwo mugera ureke gukwirakwira bigorana ko zishirwa mu ngiro.

Ico kiza kandi kiza «kwunyura imibereho yabo isanzwe atako yifashe kuko kibabuza kuronswa ivya nkenerwa », nk'uko Alexandra Bilak arongoye IDMC abivuga.

Ariko n'aho kitoba iki kiza, ibi bitigiri vy'abataye izabo birerekana neza ko isi yananiwe no gutunganiriza abanyagihugu, n'uko ico cegeranyo kibivuga.

IDMC ihamagarira ibihugu vyose gukora ibishoboka vyose kugira ngo intambara zihagarare, nk'akarorero intambara yo muri Syria, aho hafi umuliyoni w'abantu bataye izabo kuva mu kw'12 bahunga ibitero vy'ingabo za leta, muri iyo ntambara imaze imyaka icenda.

Ikigo IDMC kivuga kandi ko intambara zo mu bihugu vya Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, Yemen na Afghanistani ziri mu zatumye abantu bata izabo.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko hakiri vyinshi bikenewe gukorwa kugira ngo isi ishobore guhangana n'ihindagurika ry'ikirere hamwe n'ibiza, aho nko mu mwaka uheze abantu baharurwa mu mamiliyoni bataye izabo kubera isegenya zivanze n'ibihuhusi hamwe n'imyuzurira.

Ico kigo kivuga ko gikurikiranira hagufi ibiriko biba muri Iraki ahatanguriye kuboneka uwo mugera mu bataye izabo, hamwe no mu bihugu harimwo Syria, Burkina Faso na Kolombiya, bisanzwe biri mu bibazo vy'abateshejwe izabo mu gihe abandura coronavirus bagenda biyongera.

IDMC iravuga kandi ko hari n'abaturatuye kubera coronavirus ubwayo.

Itanga akarorero k'u Buhindi aho ivuga ko abashika 600.000 bari bavuye mu miryango yabo kubera akazi bagize ibibazo biturutse ku ngingo za Gumamurugo , «bituma biha agahinga bagenda ibirometero n'ibirometero basubira mu miryangp yabo».

Gisaba amaleta y'ibihugu gufasha abo bataye izabo muri kino gihe ca coronavirus mu kubaronswa ivya nkenerwa mu kwivuza, atibagiye gukora kugira ngo ivyatumye bata izabo bitorerwe umuti.

Ayo maleta nyene ubwayo abonwa ko rimwe na rimwe ariyo atuma abanyagihugu bahunga - kubera intambara - canke akananirwa no kubaronswa ivya nkenerwa kugira ngo bashobore kubaho neza .