Coronavirus: Boris Johnson, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, araremvye cane

Yatangajwe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yashizwe mu gisata c'abaremvye cane kwa muganga nyuma y'aho ibimenyetso vya coronavirus yari afise vyunyukiye.

Umuvugizi yavuze ko yimuriwe muri ico gisata ku mpanuro z'umugwi w'abaganga kandi ko ariko araronka ubuvuzi "bwo ku rwego rwo hejuru".

Bwana Johnson yasavye umushikiranganji ajejwe imigenderanire Dominic Raab ngo amusubirire "aho bikenewe", nk'uko uwo muvugizi yabandanije avuga.

Umushikiranganji wa mbere Johnson w'imyaka 55, yinjijwe ibitaro i London afise "ibimenyetso vy'urutavanako" ku wa mungu.

Urwandiko rwo mu biro vyiwe rwagize ruti: "Kuva kuwa Mungu mw'ijoro, umushikiranganji wa mbere ariko aravurwa n'abaganga ku bitaro vya St Thomas, i London, nyuma yo kwakirwa afise ibimenyetso vy'urutavanako vya coronavirus.

"Ku muhingamo wose w'uno munsi, umushikiranganji wa mbere yabandanije kuremba kandi, ku mpanuro y'umugwi w'abaganga, yimuriwe mu gisata c'abaremvye cane muri ibi bitaro."

Urwo rwandiko rwabandanije ruti: "Umushikiranganji wa mbere ariko araronka ubuvuzi bwo ku rwego rwo hejuru, kandi agashimira abavuzi bo mu gisata c'ubuvuzi NHS, ku kazi gakomeye bariko barakora hamwe no kwitanga kwabo."

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi, Rishi Sunak, yavuze ko ivyiyumviro vyiwe vyerekeye umushikiranganji wa mbere hamwe n'umutambukanyi wiwe yibungenze, Carrie Symonds, kandi ko Bwana Johnson "azosimba iyi manga aze akomere gusumvya."

Umukuru w'umugambwe mukuru utavuga rumwe na leta, Labour, Sir Keir Stamer yavuze ko ivyashikiye umushikiranganji wa mbere ari "amakuru y'incamugongo."

Bwana Johnson yabanje gutwarwa kwa muganga gupimwa bisanzwe nyuma yo gufatwa na coronavirus haraciye iminsi 10. Ibimenyetso yari afise vyarimwo kugira umuriro hamwe no gukorora.