Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kazakhstan: Abantu 15 baguye mw'isanganya ry'indege
Abantu bashika 15 nibo baguye mw'isanganya ry'indege yari itwaye ingenzi hafi 100 mu gihugu ca Kazakhstan, nk'uko bitangazwa n'abajejwe ingendo z'indege muri ico gihugu.
Bamenyesha ko iyo ndege Bek Air yakorotse haciye akanya gato igurutse ivuye ku kibuga c'indege ca Almaty mu mwanya uheze, ica igwa ku nyubakwa.
Abantu bashika 60 bakomeretse harimwo n'abana baciye banyarukanwa kwa muganga.
Umumenyeshamakuru wa Reuters yari hafi y'aho iryo sanganya ryabereye avuga ko habonetse ivyotsi vyinshi aho hantu, ariko y'uko icateye iryo sanganya kitaramenyekana.
Ingene vyagenze
Amakuru avuga ko iyo ndege yataye inzira kw'isaha imwe n'iminota 22 zo muri kano gatondo, imbere y'uko igonga umunara, ica igwa ku nyubakwa y'inzu zibiri zigerekeranye. Nta mucanwa wadutse aho vyabereye.
Iyo ndege yakorotse haciye akanya gato cane ihagurutse ifashe inzira yayishikana ku mugwa mukuru wa Kazakhstan, Nursultan, ivuye mu gisagara ca Almaty.
Maral Erman, umwe muri izo ngenzi yarokotse, avuga ko iyo ndege yatanguye inyiganyiga mu gihe yari ikiguruka.
Hari amareresi yakwiragijwe yerekana abajejwe ubutabazi bariko barafasha abari muri iyo ndege.
Muri bo habonekamwo umugore yumvikana ariko ahamagara rusehabaniha, mu gihe ca gisandugu kibika amakuru yose yerekeye urugendo rw'indege cari caheze mu gice kimwe c'iyo nyubakwa yaguweko n'iyo ndege.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Kazakhstan amenyesha ko mu bapfuye harimwo abana batandatu, yisunze icegeranyo catanzwe muri ako kanya nyene.
Siryo sanganya rya mbere ribaye muri ico gisagara.
Ku wa 29 z'ukwa mbere 2013, indege y'ingenzi yari ivuye mu gisagara ca Kokshetau kiri mu buraruko bw'ico gihugu yarakorotse ihitana abantu 20.
Ukwezi kumwe imbere y'aho, abantu 27 barapfuye igihe indege ya gisirikare yari ireruye abategetsi ba gisirikare ba Kazakhstan yakoroka mu bumanuko bw'ico gihugu.