Yagomba aje kurongorwa, ariko yaguye mu kinogo aca arapfa

Yatangajwe

Umwigeme yari yiteze kurongorwa yasandavye inyuma y'ukunyerera akagwa mu kinogo c'amazi mu gihe bari mu birori vy'ukumusezera mu karere ka Danbatta muri Nigeria.

Fatima Abubakar w'imyaka 16 yari yiteze kurongorwa n'umukunzi wiwe ku wa kane.

Se wiwe yabwiye BBC ko yanyereye muri ico kinogo mu gihe yari ahgiagaze hafi cane, hari kwa inasenge ku wa gatatu muri ivyo birori na bagenziwe.

Avuga ko umukobwa wiwe yaryohewe cane n'uko yari agomba aje kurongorwa, akavuga ko we n'umugenzi wiwe bari bakundanye cane rwose.

Umugabo wiwe yari yananiwe kwihangana ku buryo atashobora n'ukuvuga kuri telephone.

Se wiwe avuga ko abari biteze kumuherekeza ubu bari mu kigandaro muhira iwe.