Abantu barenga 100 bahagaritswe mu myiyerekano y’abambaye amakoti y’umuhondo i Paris

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi mu gisagara ca Paris mu Bufaransa cahagaritse abantu barenga 100 bari mu myiyerekano yo kwibuka umwaka urangiye hadutse imyiyerekano y'abambara amakoti y'umuhondo yavuyemwo imigumuko.
Iyo myiyerekano yabaye mu gihugu cose ejo ku wa gatandatu, inyuma y'umwaka uheze yadutse.
Igipolisi cakoresheje vya vyuka bikoroza amosozi n'ibiduga bitera amazi i Paris, aho abantu ibihumbi n'ibihumbi biha amabarabara muri ico gisagara.
Bambaye amakoti yirabura n'ibitambara binyegeza amaso, abari muri iyo myiyerekano baturiye amapine mu mabarabara, barasahura amabanki, baturira amayarara bongera batera amabuye abapolisi.
Gushika ku mugoroba w'ijoro ry'ejo ku wa gatandatu, igipolisi mu gisagara ca Paris camenyesheje ko cari kimaze guta muri yompi abantu bashika 147 ku mugwa mukuru.
Iyo myiyerekano yabereye mu gihugu cose yari igamije gutanga ubutumwa ku mukuru w'ico gihugu Emmanuel Macron, yagirizwa ko leta yiwe yirengagiza ingorane abanyagihugu bato bato barimwo.
Iyo myiyerekano yadutse ubwa mbere mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'umwaka uheze wa 2018 biturutse kw'iduzwa ry'ibiciro vy'igitoro.
Yagiye kuvamwo imyiyerekano yo kwerekana akababaro ku buzima bwagenda bumera nabi, harimwo ibibazo vy'agashahara ku bakozi n' ubuzima buzimvvye.
Perezida Macron yaragerageje guhagarika iyo myiyerekano mu kwemera ko azogabanya amakori, akaduza amahera yo kuziganiriza kazoza abakozi, ariko abenshi muri bo bakabona ko ata kintu kinini arahindura.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu mabarabara i Paris ku wa gatandatu, abari muri iyo myiyerekano baririmba bati : « Turi hano n'aho Macron atabishaka ».
Hari ibindi bice vy'umugwa mukuru vyaranzwemwo imishamirano hagati y'igipolisi n'abari mu myiyerekano.
Umwe muri bo yavuye mu buseruko bw'Ubufaransa gushika i Paris mu guhimbaza iyo sabukuru yavuze ati : « Turababaye kubona ibi vyavuyemwo imishamirano ».
Eka no mu bisagara bindi nka Bordeaux, Nantes na Lyon, abari mu myiyerekano bashamiranye n'igipolisi.
Ahanini bashavuriye Bwana Macron ari ku butegetsi kuva mu 2017, yarahiye akarengwa ko azohangana n'abari muri iyo myiyerekano.
Abayiteguye bagiriza Bwana Macron ko ashaka gukingira akarwi gatoya kabayeho neza mu gisagara ca Paris, cane cane abatunzi, mu gihe yirengagiza abari mu buzima bugoye hagati mu gihugu.









