Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulayi 05/10/2019: Griezmann, Neymar, Maddison, Mandzukic, Willian, Odegaard
Barcelona irashobora gutanga umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 28 mu buryo bwo kurondera kwisubiza umukinyi w'imbere wa Brezil Neymar mu mwaka uza, ubu akaba asanzwe akinira Paris St-Germain. (Le10Sport)
Tottenham yashize umukinyi wo hagati wa Leicester City, umwongereza James Maddison w'imyaka 22, kw'isonga ry'urutonde rw'abo irondera, mu ntumbero y'ugusubiriza umukinyi w'umunya Dannemark, Christian Eriksen w'imyaka 27, amasezerano yiwe akazorangira mu mpera z'uyu mwaka w'inkino. (Mirror)
Chelsea irafise icizere ko umukinyi w'inyuma Fikayo Tomori w'imyaka 21, be n'umusatirizi Tammy Abraham w'imyaka 22, bazosinya ayandi masezerano mu ndwi nkeya ziri imbere.
Abo bakinyi bompi basanzwe bari ku rutonde rw'umurwi w'Ubwongereza mu nkino z'uku kwezi zo kurondera uburenganzira bw'ugukina ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu ry'i Bulaya (Euro 2020). (Standard)
Chelsea iri hafi yo gutangura ibiganiro n'umukinyi w'imbere, umunyabrezili Willian w'imyaka 31, amasezerano yiwe akaba ategekanijwe kurangira mu mpera z'ihiganwa ry'uyu mwaka. (Express)
Manchester City ivuga ko ata mugambi ifise w'ukurondera umukinyi wo hagati Martin Odegaard, umunya Norvege w'imyaka 20, asanzwe yatijijwe umurwi Real Sociedad avuye muri Real Madrid. (Manchester Evening News)
Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, avuga ko umukinyi wo ku ruhande Kyle Walker w'imyaka 29, ashobora kuronka ikibanza n'aho umukeba wiwe, umunya Portugal Joao Cancelo w'imyaka 25 abandanya avyifatamwo neza. (Times)
Umunyegori wa Liverpool Loris Karius asanzwe yaratijijwe mu murwi Besiktas wo muri Turkiya avuga ko ashobora gusubira gukinira umurwi wiwe ihiganwa ry'uno mwaka rirangiye. Uyo munyegori w'imyaka 26 avuga kandi ko ashobora kwimukira mu wundi murwi wo mu Bwongereza canke agasubira mu gihugu ciwe. (Guardian)
Umumenyereza wa Everton, Marco Silva , avuga ko umukinyi wo hagati, Anthony Gordon w'imyaka 18, asanzwe akina mu murwi w'Ubwongereza w'abatarenza imyaka 19, ari hafi kuronka ikibanza mu murwi wa mbere wa Everton. (Liverpool Echo)
Manchester United iriko ikurikiranira hagufi umukinyi w'umurwi Club Leon, umunya Mexique Juan Macias w'imyaka 20, asanzwe abonwa nka 'Javier Hernandez'. (Marca via Express)
West Ham iripfuza kuronka umukinyi wo hagati, umunya Bolivia Daniel Camacho w'imyaka 20, asanzwe akina mu murwi Club Aurora. (Diez via Sport Witness)
Real Madrid yari yashatse kuzana uwahoze amenyereza Chelsea Antonio Conte ngo ayibere umumenyereza inyuma y'aho yirukaniye Julen Lopetegui mu mwaka uheze, ariko ikaba yagiye guhindura ku mpanuro za kizigenza wayo Sergio Ramos. (Fichajes.net via Mail)
Manchester United irakurikiranira hafi umukinyi wo hagati, umurusiya Aleksandr Sobolev w'imyaka 22 asanzwe akina mu murwi wo mw'ihiganwa ry'Uburusiya, PFC Krylia Sovetov Samara. (Mirror)
Ihuriro ry'amashirahamwe muri Mexique, Orlegi Sports risanzwe rirongowe n'umutunzi karuhariwe, Alejandro Irarragorri, ryari hafi kugura umurwi Newcastle mu ci riheze, imbere y'uko rikuramwo akarenge rigahitamwo umurwi Atlas wo muri Mexique. (Chronicle)
Hagati aho, irindi huriro rirongowe n'uwigeze kuba ari umuyobozi nshingwabikorwa w'imirwi Manchester United na Chelsea Peter Kenyon ritegura imiliyoni 300 y'mapawundi kugira rigure Newcastle. (Sun)
Umumenyereza wa Anderlecht Vincent Kompany ariko arondera ko yoronka umukinyi w'inyuma wa Pays de Galles, Ashley Williams, mu gihe uyo mukinyi w'imyaka 35 akinira Bristol City azoba arangije amasezerano yiwe mu kwa mbere kuva. (Sun)
Uwahoze ari umukinyi w'inyuma wa Tottenham na Arsenal Sol Campbell hamwe na Henrik Larsson yahoze ari umusatirizi wa Celtic na Barcelona barakoreshejwe ibibazo kugira bafate ikibanza kigaragara c'umumenyereza w'umurwi Southend. (Sky Sports)
Umusatirizi w'umunya Croatia, Mario Mandzukic w'imyaka 33 asanzwe ariko aronderwa na Manchester United , ari mu bakinyi batatu bashobora kugurishwa na Juventus mu kwa mbere. (Calciomercato)