Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ihindagurika ry'ibihe: Abahinga ba ONU 'baratabariza ibinyabuzima vyo mu mazi'
Ihindagurika ry'ibihe rirabangamiye cane ibiyaga n'amabahari, hamwe n'uturere tw'ibarafu, kuruta uko vyigeze kuboneka muri kahise.
Ivyo vyemezwa n'icegeranyo c'abahinga b'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kigabisha isi kuri ayo mahinduka ashobora kuyibangamira.
Abo bahinga ba ONU bemeza ko, amazi atera aduga, amabarafu ashonga, nayo ibinyabuzima birata ibibanza vyari bisanzwe biguwemwo neza, kubera ibikorwa vya kiremwa muntu.
Igiteye ubwoba cane gusumba, ni uko uturere twari dusanzwe tugizwe n'amabarafu tugiye kurekura imyuka ya carbone, ivyo bigashobora gutuma ikibazo cari kihasanzwe c'ubushuhe ciyongera
Ariko rero hari icizere ko bishoboka gukinga ako kaga.
Abahinga bari babanje kwihweza uko isi yokwifata hamwe urugero rw'ubushuhe rwokwiyongera ko 1.5C kugera mu mpera z'ikinjana.
Ico cegeranyo kivuga kandi ku buryo uturere tw'imusozi dushobora kubangamirwa n'ihindagurika ry'ibihe.
Ariko rero iki cirwa gishasha cihweza ku ngaruka z'iduga ry'urugero rw'ubushuhe, urw'amazi mu biyaga vyacu no mu bibanza vyacu vyari bifutswe n'amabarafu.
None babonye iki, ibintu bigeze hehe mu kuyangara?
Muri make, amazi akomeza kwiyongera, ibarafu zigashonga mu buryo bwihuta, kandi ibi vyose bifise ingaruka ku buzima bwa minsi yose bwo kw'isi muri rusangi.
Dr Jean Pierre Gattuso ajejwe gutunganya ibikorwa vy'umurwi wanditse ico cegeranyo, avuga ko ubuzima bw'ibiba mu mazi bubangamiwe muri kino gihe, busugerejwe impande zose kandi kubera ibikorwa vya muntu.
Abahinga 'barizera ata gukekeranya', ko amazi yo mu mabahari yashushe adahagarika kuva mu 1970.
Amazi niyo abitse ibice 90% vy'ubushuhe bwazanywe n'ibikorwa vy'abantu mu myaka iharugwa mu mirongo, kandi urugero yakiriye ubu bushuhe rwikuvye incuro kabiri kuva mu 1993.
Mu gihe inzuzi n'amabahari vyahora biduzwa n'uko amazi ubwayo yashushe gusa, abahinga ba IPCC bavuga ko ubwo bwiyongere muri kino gihe buva ku kwiyongera kw'amazi avuye mw'ibarafu zo muri Greenland na Antarctica zashonze.
Kubera ubwo bushuhe, ibarafu zo mu turere twa Antarctica zagabanutse incuro gatatu hagati y'imyaka ya 2007 na 2016, ugereranije n'imyaka icumi y'imbere y'aho.
Muri ico kiringo nyene c'imyaka icumi, urugero rw'amabarafu muri Greenland rwagabanutse incuro kabiri.
Ico cegeranyo cerekana ko ibi bizobandanya no mu myaka iri imbere kugeza mu mpera z'iki kinjana.
Ku mabarafu yo mu mataba y'imisozi ya Andes ahahera hagati y'imirongo ya 'Tropiques', no mu buraruko bwa Aziya, igendereza ryerekana ko azoba yashonze kugera ku bice 80%, gushika mu mwaka wa 2100, kubera umwuka wa 'Carbone', CO2.
Ibi rero ngo bizogira ingaruka zikomeye kuri miriyoni z'abantu.
None ingaruka ni izihe kuri iri shonga ry'amabarafu?
Ayo mazi yose aje kurenga ku yari ahasanzwe, atemba yerekeza mu mabahari, agatuma urugero rwayo rwiyongera, hirya no hino kw'isi.
Ibi kandi ngo bishobora kubandanya no mu myaka iri imbere kugeza mu mpera z'iki kinjana.
Iki cegeranyo gishasha cerekana ko urugero rw'amazi mu mabahari rushobora kuduga nka metero 1.1 kugera mu 2100, mu gihe ubushuhe bwokomeza kwiyongera uko biri ubu.
Ibi rero ngo "bizotuma ibibanza vyo ku nkengera z'amazi ahasanzwe hacumbitse miliyoni 700, bishikirwa n'ingaruka kandi ziteye ubwoba."
Icegeranyo cerekana ko ku mazinga amwe amwe, ata bantu bazoba bagishobora kuhaba inyuma ya 2100.
Ibizohinduka bisobanura iki kuri wewe?
Bumwe mu butumwa bukomeye n'uko ubushuhe bw'amazi yo mu mabahari n'amabarafu, ari kimwe mu bizogira ingaruka kuri miriyoni z'abantu muri kazoza.
Witegereje uko ibintu bimeze kino gihe ku myuka yonona ikirere mu miji ikomakomeye nka New York na Shanghai eka n'ahandi mu mashokero y'inzuzi nka Mekong, bizoba bibangamiwe cane n'imyuzuri.
Ico cegeranyo cerekana ko isi irangwa n'urugero runini rw'amazi mu nzuzi, ruzotuma n'ibindi bibi bijanye n'ihindagurika ry'ibihe bizoca vyiyongera ku buryo buteye impungenge.
Bimwe muri ivyo bibazo bizobandanya mu bice vyinshi kugeza mu 2050 n'ubwo urugero rw'imyuka ya CO2 rutokomeza kwiyongera.
N'ubwo woba usanzwe uba kure y'amabahari mu misozi hagati, kure y'ahabera ayo mahindagurike yo ku nkengera z'amazi, ibihabera bishobora kukugirako ingaruka, bigahindura uburyo ubayeho kandi bikakubuza amahirwe yo gushika kw'iterambere rirama.
Inzira ibikubangamira bishobora gucamwo ni nyinshi cane:
- Hari imyuzuri ishobora kwongerekana incuro kabiri canke gatatu.
- Ubumara bwa acide buturuka ku myuka ya CO2 nabwo bushobora kwiyongera, ku buryo naho ubushuhe bwokwongera ko 1.5 C gusa, ibice 90% vy'ibinyabuzima bishobora kuzimangana.
- Ubwoko bw'amafi buzokwimuka bitewe n'uko ubushuhe butera buduga.
- Ibinyabuzima binfungurwa vyarobwe mu mazi bishobora kuzobangamira ubuzima bwa kiremwa muntu, biturutse ku rugero rw'ubumara bwa 'mercure' n'ibindi bituruka ku binyabuzima vyapfiriye mu mazi.
- Ibituruka ku binyabuzima bitosekaza amazi ni co kimwe n'ibiva mu bikomoka kuri peterori birekura umwuka wa CO2 ari nawo wonona igisenge gikingiriye isi, bizotuma ubushuhe bwiyongera.
- N'ubushobozi bwo kuronka umuyagankuba buzogabanuka uko ibitandara vy'amabarafu bigenda bishongeshwa n'ubushuhe, amazi yokoreshejwe mu ngomero z'umuyagankuba ntaboneke neza.
Ibice birimwo ubukonje buri munsi ya zero ntibizokwamaho
Urugero runini rwa carbone rubitse mu turere turangwamwo ubukonje kw'isi, nko muri Siberia no mu buraruko bwa Canada.
Ibi birashobora guhinduka cane, aho ibice 70% vy'ayo mabarafu bishobora gucika amazi, hamwe imyuka itera ubushuhe bw'ikirere yokomeza kwiyongera.
Igiteye impungenge gusumba, n'uko miriyaridi z'amatoni y'imyuka ya CO2 na Methane, ashobora kuzoba yaduze mu kirere gushika mu 2100.
Ibi rero bishobora kubangamira utwigoro twose turiko turakorwa mu kugabanya ingaruka z'ukwiyongera kw'ubushuhe bw'ikirere mu binjana biri imbere.
None muri kazoza ka kure bizogenda gute?
Ico nico kibazo gikomeye kuruta kandi vyose bivana n'ivyo tuzokora mu kugabanya imyuka yonona igisenge c'isi.
Ariko rero ico cegeranyo kiragabisha ko hari vyinshi mu vyahindutse bitagishobora gusubizwa inyuma.
Ibipimo vy'igendereza ku mahinduka yo mu karere ko muri 'Antarctica' vyerekana ko gushonga kw'amabarafu kutagisubira inyuma, kandi ivyo bizotuma amazi avuyemwo yisuka mu mahari bigatera urugero rw'amazi kuduga kuri metero nyinshi mu gihe c'ibinjana bikeyi.
Dr Nerilie Abraham, wo muri kaminuza ya Canberra muri Australia, afasha muri ico cegeranyoi ca IPCC, avuga ko bafatiye igendereza kuri ayo mahinduka kugeza mu myaka ya 2300.
Impamvu ngo n'uko hari vyinshi bicugaraniwe munsi y'ayo mabarafu yo mu turere turangwamwo ubukonje, mu bizotera ayo mahinduka.
Avuga ko naho imyuka yonona igisenge yogabanywa cane, kubona urugero rw'amazi rwiyongera vyovyo bitazoreka kuba, abantu ngo bakaba bakwiye kuvyitegurira.
Ikindi abantu bazotakaza n'ubumenyi kama bwo muri buri karere k'isi, kuko ibintu bizohinduka, ibinyabuzima nk'amafi bari bamanyereye gufungura bikimuka kubera ubushuhe.
Muti none ico cegeranyo hari icizere gitanga?
Ego cane. Ico cegeranyo kiremeza ko kazoza k'amazi yo mu biyaga vyacu n'ibinyabuzima vyaho kari mu maboko yacu.
Igikeneye gukorwa kirazwi. Isi yaramaze kugabishwa muri kino gihe.
Kugabanya cane kandi mu buryo bwihuta imyuka yonona igisenge c'isi nk'uko umugwi w'abahinga IPCC ubivuga, ni ngombwa.
Batanze urugero mu mwaka uheze ko iyo myuka yoba yamaze kumanuka ko 45% gushika mu 2030.
Ivyo ngo vyotuma ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe naho zobaho, zoba izo abantu bashobora guhangana nazo.
Uwurongoye IPCC Hoesung Lee, avuga ko ivyo bizotuma ubuzima bw'abantu bugora gusumba, ariko ku bakenye gusumba abandi bizoba bigendeka.
Niyo mpamvu bamwe mu bahinga bagize uruhara muri ico cegeranyo bibaza ko ari ngombwa gushira igitugu ku bafata ingingo nk'abanya politike, kugira bongereze umurava mu vyo biyemeje gukora.
Inyuma y'imyiyerekano y'urwaruka yabaye mu ndwi iheze, Dr Jean-Pierre Gattuso ngo yibaza ko ari akaryo keza ko gushimika kwumvisha abajejwe gufata ingingo kugira ico bakoze.
Agira ati 'barabangutse bafise umwete, kandi hari icizere ko bazohindura isi'.