Umugabo yasomye nturi mw’ibahari mu gihe yariko araresha

Yatangajwe

Umugabo w'umunya Amerika yasomye nturi mw'ibahari ariko araresha umukobwa bakundana mu gihe bari mu karuhuko mw'ihoteri yo mu mazi muri Tanzania.

Steven Weber n'uyo mukobwa bakundana, Kenesha Antoine, bari mu cumba kimwe c'iyo hoteri, Manta Resort, iri mw'izinga rya Pemba muri Zanzibar.

Ireresi yerekana ko bwana Weber yari yavuye mu cumba barimwo ari mu mazi kugira ngo yereke uyo mwigeme urwandiko yari yateguye rwo kumusaba ko bokwubakana.

Muri iyo reresi, Bwana Weber yerekanwa aryamitse iryo kete kw'idirisha ry'ico cumba mu gihe umwigeme Antoine nawe yariko ararifotora ari muri ico cumba.

Amenyesha urupfu rwa Weber ku rubuga rwa facebook, uyo mwigeme Antoine yavuze ko Weber "atashoboye kuva muri ayo mazi".

Manta Resort yabwiye BBC ko Bwana Weber "yasomye nturi igihe yariko aroga hanze y'ico cumba mw'ibahari" ku munsi wa kane ku muhingamo.

Mw'itangazo yasohoye, ihoteri Manta Resort ivuga iti: "Turi n'umubabaro ntangere w'ukumenyesha isanganya rikomeye ryabereye kuri Manta Resort ku wa kane 19 z'ukwezi kw'icenda, 2019".

Matthew Saus arongoye iyo hoteri avuga ko "bose batekewe n'ubwoba" kubera urwo rupfu rwa bwana Weber.

Bwana Weber n'umwigeme Antoine bari bakotesheje icumba mw'iyo hoteri yo mw'ibahari mu kiringo c'iminsi ine, ihoteri iri nko ku metero 250 uvuye ku nkengera.

Ku munsi ugira gatatu bari muri ico cumba, Bwana Weber, ava ahitwa Baton Rouge mu ntara ya Louisiana, yaravuye muri ico cumba aja mu mazi, mu ntumbero y'ukwereka umwigeme Antoine urwandiko rumusaba ko bokwubakana.

Yaruryamitse kw'idirisha ry'ico cumba, uyo mwigeme nawe arusoma ari imbere mu cumba.

Iryo kete ryavuga riti: "Nta majambo noronka nokoresha kugira nkubwire ingene ndagukunda. Ariko…urukundo mfise kuri wewe …ndagukunda iminsi yose".

Mu nyuma, iyo reresi yerekana Bwana Weber asokorora impeta y'ukwiyemeza akayimwereka, imbere y'uko yoga atera agenda kure yiwe.

Bwana Saus yabwiye BBC ko abakozi biwe bamenye ko habaye "ingorane mu mazi", ariko ko igihe bashikayo "basanze ataco bagikiza".

Umwigeme Antoine yanditse ku rubuga rwa Facebook avuga ko Bwana Weber "atashoboye kuronka inyishu kuco yamusavye", iyo nayo ikaba ari "ndavyemeye, incuro igihumbi".

"Ntitwashoboye kuryoherewa hamwe ngo dutangure ubuzima bushasha turi kumwe, kubera ibihe vy'umunezero w'ubuzima bwacu vyahindutsemwo amarira".

"Sinzigera nibagira iyi minsi mike iheze twari tumaranye, twempi turyohewe".

Ibiro vy'umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko vyamenye ko hari umunyagihugu wa Amerika yapfiriye muri Tanzania, mu buseruko bwa Afrika.

Umuvugizi w'ivyo biro ati: "Turahojeje umuryango wabuze".