Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyabu zihuriye hehe no guhona, ubusumyi bw'urusaku canke Isaac Newton?
Inyabu: Ziracengera muri internet umunsi ku yundi, ntizitinya abantu kandi birazwi ko zidahababuka.
Twakwirikiranye ico kiremwa imyaka 9000 kandi vyagaragaye ko kiri muri bike bikunzwe cane kw'isi hose - n'ubwo zimara umwanya munini zisinziririye.
Ariko none woba uzi iki ku nyabu? Ibi ni bimwe mu bintu bitangaje kuri zo...
1. Iyo ijoro rikinje mu kibanza co gusamiramwo akayaga ca Disneyland, inyabu 200 zirekurirwa gufata imbeba zaho zose
2. Umugwi w'inyabu zigendana.
3. Inyabu zirekura icuya giciye mu binono.
4. Inyabu zishobora kurya ikintu zibanje kugihonja incuro gatatu, zikakirya ku ncuro ya kane. Ushaka kuyiha umuti rero, shira akanini kawe mu kamanyu kagira kane k'ivyo uyifungurira ...
5. Wibaza ko inyabu iryama umwanya ungana iki? Ugereranije, ni ibice 70% vy'umunsi.
6. Amasobe y'inyabu ararabagirana nk'umuco iyo amuritswe n'imishwarara ifise ubushobozi buri hejuru y'ubwo imishwarara isanzwe iboneka n'amaso (ultra violet).
7. Inyabu yose y'intungano, ishobora kugaragaza isano hagati yayo n'inyamanswa zitanu zo mu bwoko bw'intare zo muri Afirika.
8. Inyabu ntizisoserwa.
9. Inyabu z'ingore zikunze gukoresha ukuboko kw'iburyo, nayo ingabo zigakoresha ibanfu.
10. Inyabu ntigira igufa ryo mu rutugu
.
11. Biravugwa ko Isaac Newton ariwe yoba yaravumbuye ubuhinga bwo gukora agatoboro k'inzu kiyugara inyabu zishobora kwinyavyamwo zija hanze. Ariko rero uturaro two hanze n'inzugi zo ku nzu vyamye bifise agatoboro inyabu zoshobora gucamwo, no mu bihe vya kera.
12. Ubwoya bushobora kuzitana n'ibindi inyabu yamize, bikaja mu nda bikiremamwo ikintu cibumvye kigoye gusohora, kizwi kw'izina rya 'trichobezoar'
13. Inyabu y'ingore bayita 'molly'-umwamikazi.
14. Inyabu zirashobora kunywa amazi yo mu nyanja. Amafyigo yazo arashobora kuyungurura amazi arimwo umunyu mwinshi.
15. Mu biro vy'uwuserukira Hollande i Moscow, inyabu zaguma ziharagura ku ruhome. Bakoze amatohoza basanga hari ama mikoro yanyegejwemwo n'abasumyi b'urusaku.
16. Inyabu nizo zagize uruhara mu guhona ku bwoko bw'ibinyabuzima bigera ku 33, harimwo ubw'ibikoko vyonsa hamwe n'ubw'inyoni. Inyabu zishirwa ku rutonde rw'ubwoko 100 bw'ibikoko bibangamira ibindi.
Mu bisanzwe tubana n'inyamanswa z'ubwenge bw'igitangaza zishobora kudukuraho bitazigoye ziramutse zivyitumye, ariko tugira Imana ko atavyo zinezwe.