Inyabu zihuriye hehe no guhona, ubusumyi bw'urusaku canke Isaac Newton?

Inyaba isa n'iyatamariwe iriko irakina ivyo kwinyegeza mu gikarato

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Inyabu: Ziracengera muri internet umunsi ku yundi, ntizitinya abantu kandi birazwi ko zidahababuka.

Twakwirikiranye ico kiremwa imyaka 9000 kandi vyagaragaye ko kiri muri bike bikunzwe cane kw'isi hose - n'ubwo zimara umwanya munini zisinziririye.

Ariko none woba uzi iki ku nyabu? Ibi ni bimwe mu bintu bitangaje kuri zo...

1. Iyo ijoro rikinje mu kibanza co gusamiramwo akayaga ca Disneyland, inyabu 200 zirekurirwa gufata imbeba zaho zose

Sammy, ni inyabu iba mu gac eka Anaheim, mu kibanza ca Disneyland, kuwa kane 22/02/2018.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Akazi k'ijoro karatanguye hano

2. Umugwi w'inyabu zigendana.

Inyabu mu busongero bw'inzu mu Bugereki.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyabu zo kw'izinga rya Santorini, mu Bugereki ziriko ziriryohera zirabira ubwiza bwo muri ico kibanza

3. Inyabu zirekura icuya giciye mu binono.

Inyabu yirabura iriko iraruhuka yikura icuya muhira.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ndiko ndiruhukira nikura akuya

4. Inyabu zishobora kurya ikintu zibanje kugihonja incuro gatatu, zikakirya ku ncuro ya kane. Ushaka kuyiha umuti rero, shira akanini kawe mu kamanyu kagira kane k'ivyo uyifungurira ...

Inyabu yicaye kumeza inyuma y' ingenzi zivuye i Bulaya mu kibanza ca Dahab, mu kigobe ca Aqaba, mu karere ka Sinai, mu Misiri 28/05/2010.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ndafungura inyuma yanyu

5. Wibaza ko inyabu iryama umwanya ungana iki? Ugereranije, ni ibice 70% vy'umunsi.

Inyabu isinziriye.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nshobora gusinzira umunsi wose....mbere ngira niryamire

6. Amasobe y'inyabu ararabagirana nk'umuco iyo amuritswe n'imishwarara ifise ubushobozi buri hejuru y'ubwo imishwarara isanzwe iboneka n'amaso (ultra violet).

Inyaba ija kwirabura yo muri Thailand iriko irasoba ku sim mu mpande z'inzira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rindira bwire

7. Inyabu yose y'intungano, ishobora kugaragaza isano hagati yayo n'inyamanswa zitanu zo mu bwoko bw'intare zo muri Afirika.

Icana c'intare kiriko cerekana amenyo mu ruhonmgore rw' ibikoko rwa Kruger muri Afrika y'epfo.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bifitanye isano ritari irya kure ...

8. Inyabu ntizisoserwa.

Ifoto yegereye y'akayabu gato kayakanuye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, None?

9. Inyabu z'ingore zikunze gukoresha ukuboko kw'iburyo, nayo ingabo zigakoresha ibanfu.

Akayabu gato karabira mu mwenge w'urugi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Womenya nimba ari ukuryo canke ukubanfu?

10. Inyabu ntigira igufa ryo mu rutugu

.

Inyabu imbere y'inzu mu muji wa Chefchaouen, muri Maroc

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, ...niyo mpamvu dushobora kwiyorosha tugaca mu dutoboro dutoya cane

11. Biravugwa ko Isaac Newton ariwe yoba yaravumbuye ubuhinga bwo gukora agatoboro k'inzu kiyugara inyabu zishobora kwinyavyamwo zija hanze. Ariko rero uturaro two hanze n'inzugi zo ku nzu vyamye bifise agatoboro inyabu zoshobora gucamwo, no mu bihe vya kera.

Inyabu iriko iraca mu gatoboro kayo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugenzi wanje Isaac niwe yavumbuye kano gatoboro kanfasha

12. Ubwoya bushobora kuzitana n'ibindi inyabu yamize, bikaja mu nda bikiremamwo ikintu cibumvye kigoye gusohora, kizwi kw'izina rya 'trichobezoar'

Inyabu iricaye iruhutse mu muji wa Chefchaouen, muri Maroc.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urabizi nawe

13. Inyabu y'ingore bayita 'molly'-umwamikazi.

Inyabu nziza y'ubwirabure, amaso meza n'ubwanwa bwera

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nyene ndi umwamikazi wa hano mu rugo

14. Inyabu zirashobora kunywa amazi yo mu nyanja. Amafyigo yazo arashobora kuyungurura amazi arimwo umunyu mwinshi.

Inyabu iriko iriruhukira imbere y'igitarurwa abashaka kuraba hagati mu mazi bahagararako.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jewe simeze nk'abantu, hari ivyo ndabarusha ubushobozi

15. Mu biro vy'uwuserukira Hollande i Moscow, inyabu zaguma ziharagura ku ruhome. Bakoze amatohoza basanga hari ama mikoro yanyegejwemwo n'abasumyi b'urusaku.

Inyabu yicaye iruhande y' isanamu imanitse ku ruhome

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nari nababwiye ko hari ikintu kidasanzwe ngaha!

16. Inyabu nizo zagize uruhara mu guhona ku bwoko bw'ibinyabuzima bigera ku 33, harimwo ubw'ibikoko vyonsa hamwe n'ubw'inyoni. Inyabu zishirwa ku rutonde rw'ubwoko 100 bw'ibikoko bibangamira ibindi.

Inyabu inyuma y'ikinyugunyugu iriko irahiga mu kibara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ntimuhendwe n'uko zibereye ijisho, inyabu n'inyanswa mbi mu kwica.

Mu bisanzwe tubana n'inyamanswa z'ubwenge bw'igitangaza zishobora kudukuraho bitazigoye ziramutse zivyitumye, ariko tugira Imana ko atavyo zinezwe.

Inyabu yashavuye yihagarariye mu bwatsi imbere y'inzu iraba akocaruka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ntiwijajare