Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa Kenya w'ubutunzi, Henry Rotich, yahagaritswe mu mabanga yiwe yagirizwa kurya igiturire
Umushikirangaji ajejwe ubutunzi muri Kenya, Henry Rotich, yakuwe mu mabanga inyuma yo kwigirizwa ivyaha vyo kurya igiturire, mu bijanye no gutanga isoko ryo kwubaka ingomero zibiri z'umuyagankuba.
Umushikiranganji Ukur Yattani yahora ahinzwe akazi, niwe yashizwe mu bushikiranganji bw'ubutunzi kuba arasubirira bwana Henry Rotich.
Bwana Rotich, yagirizwa kumwe n'abandi bategetsi bo hejuru bashika mirongo ibiri na batanu.
Yahakanye ivyaha aregwa ko yagize uruhara mu gutanga isoko ryo kwubaka ingomero zibiri z'umuyagankuba zriciye miriyoni 450 z'amadorari, mu buryo budakurikije amategeko.
Iryo soko ryahawe ikigo co mu Butariyano CMC de Ravenna.
Umukuru w'urwego rw'ubugenzaca avuga ko azosaba irungikwa muri Kenya ry'umuyobozi w'ico kigo c'ubwubatsi co mu Butariyano, cagirizwa kuba kw'isonga muri uru rubanza.
Amamiriyoni mirongo y'amadolari niyo bivugwa ko yarishwe mw'isoko ry'izo ngomero zitigeze zubakwa.
N'ibintu bidasanzwe ko umushikiranganji yagirizwa ivyaha bijanye n'igiturire mu gihugu ca Kenya.
Bamwe mu banyepolitike - barimwo n'icegera c'umukuru w'igihugu, William Ruto - bavuga ko kurwanya igiturire vyashizwemwo politike kugira bizokoreshwe mu matora azokurikira.