Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa Kenya ajejwe ubutunzi, Henry Rotich, yafashwe kubera igiturire
Umushikiranganji ajejwe ubutunzi muri Kenya yatawe muri yombi bisabwe n'umugenzacaha mukuru, ku vyagiriji vy'igiturire bijanye n'iyubakwa ry'ingomero zibiri z'umuyagankuba.
Henry Rotich yagirizwa kuba atarakurikije amategeko mu gutanga isoko ryo kwubaka izo ngomero rifise agaciro ka miriyoni 450 z'amadolari ya Amerika, akariha ikompanyi yo mu Butariyano, CMC de Ravenna.
Mu kwezi kwa gatatu Bwana Rotich yarahakanye icaha ico ari co cose mw'itangazo yashize ku rupapuro runini rw'igitangazamakuru.
Iyo kompanyi yahawe isoko nayo nyene yariyamirije ivyo vyagiriji.
Umuyobozi w'ibiro vy'ubugenzacaha Noordin Haji ariko aratohoza kandi ku kuntu hatanzwe amahera imiriyoni 170 z'amadolari arenga ku yari yumvikanywe.
Yagize ati: "Vyaragaragaye ko gutegura, gushikiriza igikorwa no kuriha amahera kuri uwo mugambi w'ingomero vyaranzwe n'ukutubahiriza amategeko gukabije."
Yategetse ko hafatwa abantu barenga 20 bagirizwa kugira uruhara muri ayo masezerano, harimwo n'abandi bategetsi n'abarongozi b'ikompanyi CMC de Revenna.