Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero c'igisasu n'ukurasana i Modasishu vyahitanye 17 abandi 30 barakomereka
Abantu bashika cumi n'indwi bahasize ubuzima abandi mirongo itatu barakomereka igihe haturitswa igisasu hakaba n'ukurasana ku murwa mukuru wa Somalia, Modadishu.
Umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al Shabab, wamenyesheje ko ari wo wagavye ico gitero.
Igisasu caturikiye mu muduga bikurikirwa n'ukurasa ku bajejwe umutekano kuri bariyeri iri hafi y'ikibuga c'indege.
Mu 2011 abasirikare ba leta hamwe n'inteko mpuzamakungu zihagarariye amahoro, barirukanye uwo mugwi w'abarwanyi i Mogadishu.
Ariko baracagaba ibitero kenshi kandi bigahitana abantu ku murwa mukuru.
Mu ntango za kuno kwezi uwo mugwi warishe abantu mirongo ibiri na batandatu mu gitero kw'ihoteri iri mu muji w'ikivuko wa Kismayo mu bumanuko bw'igihugu.