Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero c’imbugita cahitanye babiri harimwo n'umwana i Kawasaki mu Buyapani
Abantu babiri, harimwo n'umwana, bishwe mu gitero c'umugabo yari yitwaje imbugita yateye umurwi w'abana b'abanyeshure bari barindiriye imodoka mu gisagara kiri hafi y'umugwa mukuru w'igihugu c'Ubuyapani, Tokyo.
Uwikekwa gukora iki gitero yakomerekeje abandi 16 muri ico gitero cabereye kw'ibarabara ry'ahitwa Kawasaki.
Ni umugabo ari mu myaka ya 50 y'amavuko, nawe yaciye yisogota imbugita kw'izosi inyuma y'ugukora iryo bara, apfira mu bitaro mu nyuma.
Yari afise imbugita zibiri mu maboko yompi mu gihe yatera uwo murwi w'abo bana, 16 muri bo bakaba bari abigeme.
Muri abo babiri bapfuye, harimwo umwigeme w'imyaka 12, n'uwundi mugabo w'imyaka 39 y'amavuka avugwa ko yari se w'umwe muri abo bana.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani, Shinzo Abe, ariyamiriza ico gitero. Ati: "Ni ikintu kibabaje cane. Ndahojeje ababuze ababo kandi ndizeye ko abakomeretse bazokira vuba".
Ico gitero cagenze gute?
Ico gitero cabaye imbere gato y'isaha zibiri z'agatondo kuri uyu munsi wa kabiri hafi y'igituro c'imodoka.
Abanyeshure batari bake bari barindiriye kwurira imodoka yari kubajana kw'ishure.
Umushoferi wayo yabwiye ishirahamwe NHK ry'ibimenyeshamakuru vya leta ko yabonye umugabo yegera abanyeshure bari batonze ku murongo.
Umunyamakuru wa BBC Rupert Wingfield-Hayes akorera mu Buyapani, amenyesha ko uyo mugabo yaciye atangura gucumita abo bana, mu nyuma yinjira no mu modoka abandanya abacumita.
Itororokanirizo ry'amakuru Kyodo rimenyesha ko uyo mugabo yumvikana avuga ngo "ndabica" mu gihe yariko akora iryo bara.
Abajejwe ubutabazi baciye banyaruka aho ico gitero cabereye baca bashinga amahema kugira ngo bavure abakomeretse.
Ababa muri ako gace bashize amashurwe aho iryo bara ryabereye mu kwunamira abahasize ubuzima.
Ibitero nk'ivyo ni ibintu bidakunze gushika muri ico gihugu c'Ubuyapani kiri mu bihugu birangwamwo ubukozi bw'ikibi ku rugero ruto cane kw'isi.