Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yashikirije abarongozi b'u Rwanda ikiziga c'umunyarwanda yishwe mu mpera z'indwi
Imbere y'abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Uganda yahaye abajejwe intwaro b'u Rwanda ikiziga c'umugabo w'imyaka mirongo ibiri n'itanu.
Urupfu rwiwe ntiruvugwako rumwe kandi rwateje ikibazo mu mubano w'ibi bihugu vy'ibituranyi wari usanzwe utameze neza.
Uganda ivuga ko yishwe n'abasirikare b'u Rwanda ari ku butaka bwa Uganda.
Leta y'u Rwanda ivuga ko yariko aragerageza kujabukana ibintu mu buryo bw'amagendo, ateza ibibazo agiye gufatwa ngo kandi yarasiwe ku butaka bw'u Rwanda.
Leta ya Kigali yanavuze yuko abasirikare ba Uganda banyuruje abanyarwanda babiri bari bagiye gutembera muri Uganda ku wa Mungu.
Abakuru b'ibihugu vyombi - Paul Kagame na Yoweri Museveni - barafashanije gushika ku butegetsi igihe bari abakuru b'imigwi y'abarwanyi.
Ariko abamenyeshamakuru bavuga ko ivyo bihugu vyombi ubu vyagirizanya kubangamira umutekano wavyo.