Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ishingiye ku cemezo c’ukwugara umupaka w’u Rwanda na Uganda
Kino kiganiro cerekeye icuka kibi kirangwa hagati y’u Rwanda na Uganda, caje kunyurwa n’ingingo yafashwe na leta y’u Rwanda ku wa 27 z’ukwezi kwa kabiri yo kubuza amakamyo atwara ibintu guca ku mupaka wa Gatuna. Yabwiwe ko yokoresha umupaka wa Kagitumba. Mu nyuma, umushikiranganji w’imigenderanire y’u Rwanda n’ayandi makungu, Richard Sezibera, yaburiye Abanyarwanda ko boheba kuja muri Uganda kubera umutekano wabo. Yagirije leta ya Uganda ko ihohotera Abanyarwanda basanzwe batuye muri ico gihugu, ko Uganda ihaye indaro abitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano w’u Rwanda, kandi ko iyo leta igirira nabi abacuruzi b’abanyarwanda bari muri Uganda, ivyo ico gihugu camirira kure. Abanyagihugu, cane cane Abanyarwanda bagerageza kwinjira muri Uganda bahura n’ibibazo. Ingaruka zaratanguye kwibonekeza haba no ku mugwa mukuru w’u Rwanda, Kigali.