Ikiza ca korera kije kwiyongera ku makuba y'igihuhusi Idai muri Mozambique

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Yatangajwe
Amakuru ava muri Mozambique avuga ko abantu bashika hafi mirongo ine basomye nturi mu gihuhusi giheruka, bafubwe ikivunga mu binogo.
Bivugwa ko ibiziga vy'abo bantu vyari bimaze kwononekara cane ku buryo buboneka.
Abajejwe ivy'amagara bavuga ko abantu batanu bimaze kwemezwa ko banduye korera nyuma y'igihuhusi Idai.
Ico gihuhusi ubu biramaze kwemezwa ko cahitanye abantu barenga amajana atanu muri Mozambique.
Abajejwe ivy'amagara bavuga kandi ko ibipimo vyemeza ko ico kiza cadutse mu micungararo y'umuji wa Beira, ngo kandi birashoboka cane ko ico kiza gikwiragira ahandi.
Hari kandi abandi bantu bashika ibihumbi bitatu bafashwe n'ugucibwamo gukomeye kubera kunywa amazi acafuye.






