Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi isoko nkuru ya komine Matana mu ntara ya Bururi yahiye
Kuva mu gatondo ko kuri uyu w'Imana isoko nkuru yo muri komine Matana mu bumanuko bw'Uburundi iriko irasha, hakaba hataramenyekana ibimaze kuhononekarira.
Inkuru ziva mu bajejwe umutekano zivuga ko iyo soko yatanguye gusha igihe c'isaha 07:30, isaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Abategetsi bagerageje gutabaza kugira harungikwe kizimyamwoto, ariko gushika isaha 09:30 ntizari bwashike.
Imwe yari ivuye i Bujumbura bavuga ko yapfiriye mu nzira, bakaba bakirindiriye iyije iva mw'ihinguriro ry'isukare SOSUMO riri mu ntara ya Rutana hamwe n'iyindi iriko iva i Gitega.
Mu kwezi kwa mbere mu 2013, isoko nkuru ya Bujumbura yarahiye, igihugu kihahombera ubutunzi bwinshi cane, n'ubu ikaba itarasanurwa.
Ayandi mafoto yerekana ingene isoko ya komine Matana yahiye:
Uwomenya izindi nkuru zerekeye iyi soko iriko irasha yozitumenyesha ku rubuga rwacu rwa Facebook: BBC Gahuza