Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama nshikiranganji mu Burundi yagenye umuji wa Gitega nk'umurwa mukuru wa politike
Umuji wa Gitega uri hagati mu Burundi ugiye kuba umurwa mukuru wa politike w'igihugu c'u Burundi, Bujumbura nayo ice iba umurwa mukuru w'ivy'ubudandaji.
Iyo ngingo yafatiwe mu nama nshikiranganji yo kuri uno wa gatanu itariki 21 z'uku kwezi kwa cumi na kabiri, yabera i Gitega nyene.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Jean Claude Karerwa Ndenzako, yatangaje ku rubuga rwa twitter ko igisaga ca Bujumbura cahora ari umurwa mukuru wa vyose ubu kigiye kuba umurwa mukuru w'ivy'ubudandaji.
Yavuze kandi ko inama nshikiranganji zizoja zirabera muri uwo muji, mu gihe ubushikiranganji butanu buzohimukira kuva mu ntango z'umwaka w'2019.
Umuji wa Gitega wamye ufise akamaro kanini mu Burundi kuva ku gihe c'intwaro ya cami hamwe no ku ntwaro y'igikoloni.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko umuji wa Bujumbura wari ukwiye kworoherezwa ukaba umuji uberamwo ibikorwa vy'ubudandaji n'ubukerarugendo.