Nyamugigima na Tsunami vyahitanye abantu amajana muri Endoneziya ku munsi wa gatanu

Umugore arira kubera ayo makuba

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Niburiburi abantu 384 nibo bapfuye inyuma y'iyo nyamugigima
Yatangajwe

Abantu barenga 380 nibo bemejwe ko bamaze gupfa, inyuma yaho tsunami itewe na nyamugigima yibasiye igisagara ca Palu ku munsi wa gatanu muri Endoneziya.

Imikuba y'amazi yaduze gushika ku metero zitatu, yakubuye ico gisagara kiri kw'izinga rya Sulawesi.

Ku mashusho ya video amaze kugera ku mbuga hwaniro ubona abantu baboroga, abandi biruka kubera ubwoba, n'umusigiti usenyuka.

Ibintu vyabandanije vyononekara gushika kuwa gatandatu, inzu nyinshi, ibitaro, amahoteli n'imangazini birabomoka.

Muri kino gihe hari ibikorwa vy'ubutabazi bibandanya, ariko umuyagankuba ukaba wacitse, ibarabara rikuru rija Palu rikaba ridahita kubera ibihomoka.

Amazu yo kubamwo, amahoteri hamwe n'imangazine vyabomotse

Ahavuye isanamu, ANTARA FOTO/ROLEX MALAHA VIA REUTER

Insiguro y'isanamu, Amazu yo kubamwo, amahoteri hamwe n'imangazine vyabomotse

'Ibiziga vyinshi ku nkombe'

Ikigo ca Endoneziya kijejwe impanuka cavuze ko niburiburi abantu 384 bapfuye, abarenga 350 barakomereka.

"Nta vyegeranyo bikwiye turaronka kubera ko itumanako ryacitse. Twatoye ibiziga vyinshi ku nkombe y'ikiyaga kubera tsunami, ariko ntituraronka ibitigiri nyakuri," niko umuvugizi w'ico kigo Sutopo Purwo Nugroho yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ntibiramenyekana ko abahasize ubuzima bishwe na nyamugigima canke tsunami.

Ku mashusho y'imboneshakure ubona abantu bakomeretse bavurigwa hanze mu mahema.

Abo mu gisata c'ubuvuzi bavurira hanze abagize ingorane

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Abo mu gisata c'ubuvuzi bavurira hanze abagize ingorane

Ibisagara vya Palu na Donggala bifise abanyagihugu 600000.

Hari umushikiranganji yavuze ko ikibuga indege zururukirako cononekaye, ariko bakizera ko indege za kajugujugu zo zishobora kuhagwa.

Igisirikare c'igihugu catanguye kurungika indege zitwaye ivyo gufashisha abagize ingorane birimwo n'imiti.

Imfashanyo igiye Palu ipakigwa mu ndege ya gisirikare

Ahavuye isanamu, ANTARA FOTO/REUTERS

Insiguro y'isanamu, Imfashanyo igiye Palu ipakigwa mu ndege ya gisirikare

Nyamugigima yibasiye Sulawesi ya hagati isaha 18:00 (11:00 GMT), nkuko bishikirizwa n'ikigo ca Amerika gitohoza ku vy'ubutaka " US Geological Survey".

Imburi zuko tsunami ishobora gutera zari zatanzwe, ariko munyuma zirahagarikwa mw'isaha imwe, ariko bikavugwa ko imikuba yibasiye ako karere izo mburi zikihari.